Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Madrid : Abantu 3000 barahatswe gukorokerwako n’indege - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Madrid : Abantu 3000 barahatswe gukorokerwako n’indege

Madrid : Abantu 3000 barahatswe gukorokerwako n’indege

mardi 7 Rusama 2013

I Madrid mu gihugu ca Espagne, hari indege yagize isanganya kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 5 Rusama 2013, mu gihe abantu isinzi bagera ku bihumbi 3000 bari bakoraniye hamwe bariko bararaba ubuhinga bw’indege za kera zakorewe muri Espagne.

Haciye akanya, imwe muri izo ndege iri mu kirere, abantu nabo bariko bararaba ubuhinga bwayo, bamwe bicaye abandi bahagaze, bagiye babona ikorokeye inyuma yahariko harabera ibirori, umwotsi urafumba abantu nabo baca baracanacanako bahunga mu gihe benshi baguye igihumura.

Igihe iyo ndege yakoroka, umudereva wayo afise uburambe muvyo kugendesha indege bw’imyaka 35, yarahasize ubuzima mu gihe yarashikanywe kwa muganga kuko yari yakomeretse cane, ndetse n’abatabazi atari bake barahakomerekeye nk’uko bimenyeshwa n’ibinyamakuru vyaho mu gisagara ca Madrid mu gihugu ca Espagne.

Abayobozi bajejwe ivy’indege bo bakavuga ko ata bantu bahakomerekeye.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.