IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Mahama: Croix Rouge yashikirije imfashanyo Impunzi z’abarundi

Mahama: Croix Rouge yashikirije imfashanyo Impunzi z’abarundi

lundi 8 Ruheshi 2015

Ishirahamwe ryishinze gutabara imbabare Croix rouge mu Rwanda,ryarashikirije infashanyo impunzi z’abarundi ziri mw’ikambi ya Mahama kuw’Imana igenekerezo rya 7 Ruheshi.Iyo mfashanyo ifise agaciro k’imiliyoni 20 y’amafaranga y’Urwanda.

Iyo nfashanyo igizwe n’itoni indwi n’igice z’ifu,ibikoresho vy’isuku harimwo amasabuni ibihumbi 3,ibikoresho vyo mu muryango harimwo amabido 1000,amabase 1000,ibikombe 3000,amasahani 3000,n’uburengeti 3000.

Iyo nfashanyo yatanzwe n’ishirahamwe mvugabutumwa AEE (African Evangelist Enterprise) ribifashijwemwo n’ayandi mashirahamwe nka Tear Fund na Food for hungry.

Yaba icegera c’umuyobozi w’ikambi y’impunzi ya Mahama,Mazimpaka Mariko, canke impunzi zahawe iyo nfashanyo,bose barashimira ayo mashirahamwe,kuko iyo nfashanyo ibashikiriye bari bayikeneye.

Isaac Nyarubaya ajejwe ibikorwa vya AEE mu Rwanda yavuze ko uretse iyo nfashanyo batanze,bagiye gutanga mu kiringo minsi idashika indwi,iyindi nfashanyo nk’iyo batanze incuro zibiri,iyo nayo izoba ifise agacirok’imiliyoni 40 z’amafaranga y’amanyarwanda.

Kuradusenge Ildephonse aserukira Croix Rouge y’Urwanda mw’ ikambi ya Mahama yasavye abandi bashobora gufasha kubunganira mu bikorwa vyo gufasha izo mpunzi, kuko abari muri iyo kambi bafise ibibazo vyinshi bijanye no kubaho.

Mwomenya ko ikambi y’impunzi ya Mahama irimwo impunzi z’abarundi zirenga ibihumbi 20,bahunze kuva mu mpera z’ukwezi kwa Ndamukiza.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.