Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Mahama:HCR isaba imiliyoni 90 z’amadorare yo gufasha impunzi z’abarundi
Mahama:HCR isaba imiliyoni 90 z’amadorare yo gufasha impunzi z’abarundi
mercredi 17 Ruheshi 2015
Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho impunzi HCR,igisata gikorera mu Rwanda,rimenyesha ko bari kumwe n’abandi bafasha muri ico gisata,bakora ibishoboka vyose kugira bafashe impunzi z’abarundi ziri mu Rwanda,ariko rivuga ko abahunga babandanya kwiyongera n’ibikenerwa bigatera vyiyongera.
Ubuyobozi bwa HCR bumenyesha ko hakenenewe n’imiburiburi imiliyoni 90 z’amadolare y’abanyamerika kugira ibibazo bishobore kubanuka. Ni infashanyo HCR ivuga ko yasavye mu batanga infashanyo batandukanye,kandi ishobora kuboneka canke ntiboneke,ariko hari icizere.

N’aho HCR hari ibibazo impunzi zikunda kugarukako igasanga harimwo kurenza urugero,hari n’ivyo yemera ariko ahanini HCR ivuga ko biva ku bahunga batitezwe. Ibibazo bikomeye impunzi zishimikirako mw’ikambi ya Mahama,harimwo ico kutaronka infungurwa zikwiye n’ibikoresho vyo kubitekamwo.
Impunzi z’abarundi ziri mw’ikambi y’impunzi ya Mahama ziragaruka kandi ku kibazo co kwivuza.Bavuga ko kubera ubwinshi bw’impunzi umuntu ashobora kumara umunsi wose atarabonana n’umuganga.

Impunzi z’abarundi ziri mw’ikambi ya Mahama,zivuga ko ikindi kibazo gikomeye ari ikijanye n’inkwi zo gucana zitaboneka ku rugero rukwiye.Mu gihe HCR yoronka iyo nfashanyo bikerekana ko yofasha abantu benshi bayikeneye.
Ikambi ya Mahama iri hafi y’urubibe rw ‘Urwanda na Tanzaniya,irimwo impunzi z’abarundi zishika ibihumbi 27.
Messages
17 Ruheshi 2015, 10:13, par Bucumi
Mana ufit’impuhwe n’imbazi manuka utabare afrika kuko yabaye umuriro nintwaro zikomeye z’intambara. Ababikora bose ubaharire kuko ntibazi ivyo bakora!
17 Ruheshi 2015, 10:36, par Pacifique Nininahazwe
Nibakome Murabo Bagiye Gusega Intete Harinabari Batunze Abakozi Abo Bahunze Amahoro Bacafuzuburundi Batukumukuru W,igihugu Imana Izobateza N,ivyago Bindi Atar,ivyo Kuko Baciy,umuhoogo Igihugu Cabo Cari Ciza Bahendwa N,abantu Bironderera Inyungu Zabo Vyakabura Ngo Ntibaharanirivyicaro Vya Politike
17 Ruheshi 2015, 10:39, par Mugamba
Igihugu carahawe abarwayi , nta kundi. Nta kintu na kimwe mushobora kwitega ku ba DD atari uko Abarundi bapfa bayerera. Abana ba ba DD, ba Nkurunziza mwibaza ko ubwo bubabare abanyu barimwo , babuzi?
Nimwe mwamutoye reka abahenere kuko mutazi gutandukanya icatsi n’ururo, muri ba ntambira akaje. Aho hokwaduka uwundi musanzi nka Nkurunziza, mu muja inyuma. Ubujuju ni ingwara.
17 Ruheshi 2015, 11:40, par ndiho
ewe umunarwanda wewe arahakiriye. Taha mwabarundi mungo zanyu. ihii kandi rero abo bose ntanumwe yotoreye aba DD. iyo ni opposition ihomba amajwi nico gituma imbonerakure zabateye ubwoba ngo hunga. Nukuri nibabanze bagarkane impunzi
17 Ruheshi 2015, 12:41, par Jeremi
Reka NKURUMBI abahenere mwambwa mwe mwamutora turira tubabwira muvuga ngo muvyara kubuntu,ntimurabona ahubwo rindira akari inyuma karahinda.
18 Ruheshi 2015, 07:00, par fidelité
Ibidolari bibandanya kwisukira mu rwanda,bravo ,nibabacuruze rwose!
18 Ruheshi 2015, 10:44, par AUGUSTIN
JEREMIE,WEWEMURASUKABANTUNGOHUNGAHANYUMAMUKABATUKA,MURIKOMURABACURUZABASHAMUZOBARIHA.
21 Ruheshi 2015, 09:35, par Rama.zani
Sisintuko.kabi.yakakuma.sisi.tukowakibisi.bona.munandusahamwu.ndukokenya.kitu.tunayoba.burundi.inkumwe.ichimusuri.kugira.tutahe.turakubuye.burundi.ate.jiburemu