IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Maina KIAI : Ubutungane bw’Uburundi ntaco bwunguka bugumije MBONIMPA mu (...)

Maina KIAI : Ubutungane bw’Uburundi ntaco bwunguka bugumije MBONIMPA mu munyororo

mercredi 23 Mukakaro 2014

Intumwa idasanzwe ya ONU ijejwe uburenganzira bwo kugira amanama n’imyiyerekano, Maina KIAI, mu rugendo arimwo mu Burundi kuva kuri uwu wa kabiri, yarishikiye kuraba Petero Karaveri Mbonimpa aho apfungiwe mw’ibohero rikuru rya MPIMBA. Maina KIAI amenyesha ko kugumiza mu munyororo Petero Karaveri Mbonimpa bitanga isanamu mbi ku butungane bw’Uburundi.

Maina KIAI, intumwa idasanzwe ya ONU ijejwe uburenganzira bwo kugira amanama n’imyiyerekano, mu rugendo arimwo mu Burundi, inyuma y’ukubonana na Petero Karaveri Mbonimpa, avuga ko yaganiriye n’umushikiranganji w’ubutungane Pascal Barandagiye, ku kibazo c’ipfungwa rya Petero Karaveri Mbonimpa. Umushikiranganji w’ubutungane yabwiye Maina KIAI, intumwa idasanzwe ya ONU ijejwe uburenganzira bwo kugira amanama n’imyiyerekano, ko ikibazo ca Petero Karaveri Mbonimpa kiri mu butungane, kandi ko boreka bugakora, kuko busanzwe bwigenga.

JPEG - 63.3 ko
Maina KIAI, intumwa idasanzwe ya ONU ijejwe uburenganzira bwo kugira amanama n’imyiyerekano

N’aho umushikiranganji Pascal Barandagiye yamwishuye ko boreka ubutungane bugakora, Maina KIAI amenyesha ko kugumiza mu munyororo Petero Karaveri Mbonimpa bitanga isanamu mbi y’ubutungane bw’Uburundi mu makungu, kuko yari akwiye guhabwa umwidegemvyo vy’agateganyo, bivuye ku ngingo y’umushikiranganji w’ubutungane ivuga ko umupfungwa akwije imyaka 60, canke arwaye ingwara idakira, akwiye kuburana yidegemvya, aho mukibuka ko Petero Karaveri Mbonimpa ageze ku myaka 66 y’amavuka, akaba kandi arwaye ingwara y’igisukari (Diabète) amaranye imyaka ine. Kubwa Maina KIAI, intumwa idasanzwe ya ONU ijejwe uburenganzira bwo kugira amanama n’imyiyerekano avuga ko kugumiza mu munyororo Petero Karaveri Mbonimpa bishobora kubangamira n’abandi baharanira agateka ka zina muntu n’abari mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike, mu bikorwa vyabo.

Tubamenyeshe ko Petero Karaveri Mbonimpa kuri uwu wa gatatu akwije iminsi 68 apfungiwe mw’ibohero rikuru rya MPIMBA. Yahagaritswe kw’igenekerezo rya 16 Rusama 2014 yagirizwa guhungabanya umutekano w’igihugu n’uwo muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo. Yarungitswe mw’ibohero rikuru rya Mpimba kw’itegeko rya Salvator NDAYIZIGA batazira Nyamizi, akaba ari icariho c’umushikirizamanza wa Repuburika mu gisagara ca Bujumbura.


Egide NDUWIMANA

Messages

  • UBUTUNGANE BWUBURUNDI NTIBUJEGAJEGA, KANDI NTIBUTWARIRWA MURI ONU!!!!!!!!!!! INTUMWA ZIZOZA KUKO IZIVA MURI AMERIKA TWUMVA NGO ZIBA ZIRUNGITSWE NA SINDUHIJE KUKO NGO BIGANYE!!!!!!!!!! ARIKO UKOZIZA NIKO ZITAHA!!!!!!!!!! HASIGAYE KO HAZA BINKIKIMUNI CANKE OBAMA, ARIKO NABONYENE INYISHU IRATOMOYE!!!!!!!! NUKO UBURUNDI BWIKUKIYE KANDI UBUTUNGANE BWUBURUNDI BWIGENGA!!!!!!!!!!!!!

  • Erega abapfungwa bose ntibaja mu gasho ngo kubera hari izindi nyungu bajayo kubera akajagari kabo kandi umuntu kugira ajeyo arahakorero rero nurya claver yari yahakoreye

  • Abakoze amakosa nibahanwe atakubadeguriza ngo barashaje canke ngo bafise imyaka ibatuma bahemukira igihugu,ahubwo ico jewe nsaba nibategure irindi tegeko baribangikanye niryo abo ba societe civil barimwo kwitwaza,rivuga yuko umuntu wese akwije iyo myaka murimwo kuvuga ko atarekuriwe gukina politique canke kwararaza igihugu nabeneco,kandi ko batarekuriwe gushing canke kuja mumashirahamwe ataharanira ivyicaro kumpanvu zuko bageze muzabukuru, (ubusaza!!) nayahandiho bitabay’ivyo hazokwama akajagari gatewe nabo bakurambere,bitwaza ngo bazi vyinshi kuturuta,kuko ataco bacera,bageze gutabaruka bace bagenda baduhitanishije!!!!!.

  • gezaho nabandi mwese......mufise ivyiyviro nkivyo ubwenge bwanyu buri kurushi ivyanyu vyose bizoja ahabona Mbonimpa ndizera nta kekeranya kwazorwa mu munyororo ariko namwe mube mwitegura kujayo kuko abarngana bazorekurwa mujeyo

  • Mbonimpa Nibamurekure Aburane Yidegemvya

  • Mbonimpa Nibamurekure Aburane Yidegemvya

  • Mbonimpa Nibamurekure Aburane Yidegemvya

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.