Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Major Petero BUYOYA yavuye mu gacerere ku kibazo c’ikiringo ca (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Major Petero BUYOYA yavuye mu gacerere ku kibazo c’ikiringo ca (...)

Major Petero BUYOYA yavuye mu gacerere ku kibazo c’ikiringo ca gatatu

samedi 11 Ndamukiza 2015, par Egide N

Umukenguzamateka Major Petero BUYOYA yahoze arongoye Uburundi yahanuye mugenzi we Petero NKURUNZIZA kutarenza ibiringo bibiri vy’ugutwara Uburundi arekuriwe n’amategeko, amubwira ko amategeko atomoye neza, kandi amusaba kutitiranya ikibazo c’ibiringo hamwe n’uburyo bwo gutorwa, nk’uko vyanditswe mw’ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa gatanu, Major Petero BUYOYA yamenyesheje ko ikibazo c’ibiringo vy’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA kimaze kuvugwako na benshi, ariko uwo avuga ko ari mu ba mbere bateye umukono ku masezerano y’i Arusha, akamenyesha ko azanye ikindi gishasha yisangije yongerako kuvy’abandi bamaze kuvuga.

"Ikiringo c’ugutwara n’uburyo bwitorwa ntibisa"

Major Petero BUYOYA, nk’uwabaye muba mbere mu gushira igikumu ku masezerano y’i Arusha, ku giti c’umukuru w’igihugu, yaserukiye Reta y’Uburundi, amenyesha ko ayo masezerano atomoye, kuko avuga neza ko umukuru w’igihugu atowe imyaka itanu ashobora gusubira kwitoza rimwe gusa iyindi myaka itanu, ko ata n’umwe ashobora kurangura ayo mabanga mu bihe birenga ibiringo bibiri vy’imyaka itanu.

JPEG - 33.5 ko
Umukenguzamateka Petero BUYOYA yahoze arongoye Uburundi

Ku bijanye n’ibwirizwa nshingiro, Major Petero BUYOYA yibutsa ko iryo bwirizwa ryagizwe hisunzwe amasezerano y’i Arusha, rigatomora ku ngingo yaryo ya 96 ivuga ko umukuru w’igihugu atowe n’abanyagihugu mu gihe c’imyaka itanu agira ububasha bwo gusubira kwitoza rimwe gusa. Petero Buyoya amenyesha ko iyo ngingo ya mbere ayisomeye rimwe n’ingingo ya kabiri y’302 ivuga ico kibazo, izo ngingo zompi zerekana ingene abari i Arusha bumvikanye ko mu nzira idasanzwe (A titre exceptionnel), ikiringo ca mbere gikurikira Arusha, umukuru w’igihugu azotorwa n’inama nshingamateka na nkenguzamateka bikoranye.
"Abantu bakwiye gutandukanya ibintu bibiri, ikiringo uwutowe amara, ariyo myaka itanu, agashobora kwitoza iyindi myaka itanu nyene. Ikindi kibazo ca kabiri ni ingene atorwa, ariko ivyo ntawobivanga. Ashobora gutorwa n’abanyagihugu, canke agatorwa n’inama nshingamateka na nkenguzamateka bikoranye, biserukira abanyagihugu."

Major Petero BUYOYA asigura ko igihe bariko baraharira i Arusha, bumvikanye ko kubera igihugu cari cakomeretse, cane cane gisinzikazwa n’ibintu vy’amacakubiri, bagasangwa bariko baragerageza kucubaka biciye muri ayo masezerano y’i Arusha, basanga ntibosubira kuja mu myiyamamazo ubwo nyene, kubera ko bimwe vy’amoko vyohava bisubira kuguda, imitima itarakomera, baca basezerana ko muri ico kiringo ca mbere, umukuru w’igihugu wa mbere w’inyuma y’amasezerano y’i Arusha azotorwa n’inama nshingamateka na nkenguzamateka.

Major Petero BUYOYA akarangiza agira ati : "Ni ibintu bitomoye, kandi sindi uwa mbere ndabivuze, si jenyene ndabivuze, abashoboye gusoma ayo mategeko bose babisoma nk’uko."


Egide Nduwimana

Messages

  • Urumva rero Buyoya umwana wiwe amubajije différence ya suffrage direct na indirect yo mubwirako vyose arico kimwe!ewe ncabwenge z’abarundi!!

  • ABARI NAMATWI BUMVE NEZA UYO NIWE MUSHIGANTAHE DUFISE IBISIGAYE NAVYO IMANA IRABIBONA MUKIHENDA(dd) MUZOBA MUKIMUHAYE KANDI AZOBA ASHIGIKIWE •MURAKOZE

  • NDASHIMIY CANE UMUKENGUZAMATEKA BUYOYA KUKO ANASIGUY BITOMOYE NKASABA ABATEGETSI KWUMVIRA BAREKEKUDADIKA MUMAFUTI KUGIRABAKIZ VYINSHI.

  • NDASHIMIY CANE UMUKENGUZAMATEKA BUYOYA KUKO ANASIGUY BITOMOYE NKASABA ABATEGETSI KWUMVIRA BAREKEKUDADIKA MUMAFUTI KUGIRABAKIZ VYINSHI.

  • Ari bagihe amakudeta yakoze ni myaka Uprona yamaze kubutegetsi

  • Yibagiye ivyo yahozemwo? ugira iyabariwe arigutwara yabisigura ukonyene?

  • CNDD-FDD = CDR(interahamwe) =Al shabab=BOKOHARAM

  • None ko Buyoya ariwe yayasinye ubwambere, akaba ari no mu babiteguye, akaba azi ivyo vyanditswe bitera I mpari mu bantu, wumva inkurikizi zo shaka atari we we yozibazwa? Mbega ikiringo n’uburyo bwo gutorwa n’ico kimwe? Nimba abarundi baruhijwe n’intwaro ya cndd-fdd, mukaba muvugako turi muri démocratie kandi umunyagihugu ariwe yitorera indongozi, mufise Ikihe kibazo kubirekera abarundi bagaca urubanza?

  • buyoya yari umugabo kuntwaro yiwe ntanzara ibintu vyari bizimbutse kandi iyashaka yari kuguma kubutegetsi nta mu dd yofashe igihugu ntiduhendane ariko hapfuye kuja abandi raba inkurikizi kandundura peter raba uburundi bwaciye bwononekara nubu agaca agomba kubumarira

  • buyoya yari umugabo kuntwaro yiwe ntanzara ibintu vyari bizimbutse kandi iyashaka yari kuguma kubutegetsi nta mu dd yofashe igihugu ntiduhendane ariko hapfuye kuja abandi raba inkurikizi kandundura peter raba uburundi bwaciye bwononekara nubu agaca agomba kubumarira

  • ariko abatutsi murantangaza,umwanya wose nukudukanga,umwanya wose ni mukihenda,mbega mwibazako turi abana mukanga,jewe ndi peter nobankira ,tukinjira mu ngwano rien que pour voir les tutsi biha imisozi naho abahutu boba bariko barapfa nabo nyene,nokwemera nkabaheba,rien que pour ce plaisir,ariko nimwivugire ivyo mushaka muraziko mwamwifatiye harya muhurira mu rusengero!

  • BUYOYA ico yamaze mu Burundi turakizi ahubwo nukumucira urubanza kuvyo yakoze, Abatutsi mugomba amasezerano y’ubugari arusha kubera mumatora mutogwa canke ntimutogwe 40% muba muyafise, asha twarabibonye igihugu ntigitwarwa namasezerano mais gutwarwa nibwirizwa shingiro, haaaa!!!! BUYOYA arazi amategeko nibamubaze Uguhirika ubutegetsi yakoze amategeko yakoresheje,nibareke ’igihugu’caragwaniwe@

  • Uyo yari umugabo naramwemera naho nagiye kumurwanya mwishamba ntaho asa nizo ntozo zaduhindutse kandi ari abahutu nkatwe kubutegetsi bwiwe sinarara inzara ubuzima bwari ok ok cndd baragatyrirwa na Rugira

  • Jewe Abarundi muratweza ubu muri mubiki raba iyabandi bage mukubaka ibihugu vyabo natwe turacari mu bwoko koko raba abazungu baci amoko bafise icobarondera koziko abarundi turi bene mugabumwe

  • Murakoze Mr le President pour ces explications. Ariko, la question demeure car aba DDs bavuga bati: le mandat de 2005 ne compte pas kuko les 2 mandats definis par Arusha sont ceux pour lesquels le President est elu au suffrage universel direct (Article 96). Donc 2005 ntiyari mandat, selon le prescrit ya Arusha. Bati reka rero tubaze Cour Constitutionnelle (CC). Ntibantunganya ati OYA ntavyo kubaza CC car, dit-il, toutes les cours constitutionnelles du monde sont a la solde des politiciens. Pacifique Nininahazwe nawe ati la CC ntabubasha ifise pour interpreter Arusha. Aba DD nabo bati: la Constitution est au dessus d,Arusha. Amahanga ati: ntimwitwaze lacune constitutionnelle pour violer Arusha. Le gouvernement iti: Arusha si bible. Nanje nti: na Peter si Imana. Ntiyiyahure akiri muto. Imbere si heza.

  • Buyoya akwiye kwitoza tubanze twikureko abobahutu bahoze arabaja babatutsi twebwe ababo turababoss ntiturabahutu

  • none igihe yasinya yasinye ivyo adatahura?asangwa ar’umushingantahe umugambwe ukamwizera,arashobora kwanka.niyaba adatahura ivyo yasinyiye narondere uwumuha cour du soir kw’ico.atase kwitoza bizoca biboneka ko yateguye intambara.

  • Ariko abarundi twabaye gute ?? Mureke tuve muvy’amoko ahubwo dushake ivyoduteza imbere nk’abanyagihugu kandi bakunda igihugu cabo. Wowe kowiyita umuhutu canke umututsi kwitwa ayo mazina bibamariye iki ? Ushobora kubaho neza kuko witwa ukwo? Abenshi barara ubusa kdi ari abahutu canke abatutsi.muve muri ivyo ahubwo muvane amaboko mu mpuzu dukorere igihugu cacu n’imiryango yacu twivane mu bukene maze dushimishwe no kwitwa abarundi biduheshe ishema mu mahanga . Ninde yari yajya mu mahanga no avuge ko ari umuhutu canke umututsi ? Nti tugenda twitwa abarundi ? izo mvugo jewe ndabona zizovamo jenocide kuko harimwo guhangana hagati y’amoko 2,none c nongere ndababaze umwansi aturutse hanze ateye nti twomugwanya twese? Wobwirwa n’iki ko ateye abahutu canke abatutsi ? yemwe muragabe ibyabaye mu gwanda bitaba i burundi kdi twaravuze ngo "never Again"

  • none ko Petero BUYOYA yahora akerebutse ntiyodukurako abo ba DD,,agafata igihugu,,canke ngira ubu yarabaye umutama,,

  • Pacifique et la Communaute International bavuga bati nyabuna Peter Nkurunziza niyisunge les Accords D Arusha nareke mandat yaga 3.Nyakubahwa Pierre Buyoya nawe ati constitution yisunze les Accords d Arusha.None aho muri constitution ni kuki bagize un cas particulier ngo apres la guerre ngo un president atorwa nabashingamateka et nkekuzamateka?Barihenze itegeko ritegerezwa kuba claire et nette pour ne pas jongler avec les cas particuliers.
    Aho kweri Peter aritoza kabisa.Aha i Burundi iwacu ni gake igikorwa kiba perfect..Nsinzi ko ari fait express ou par mediocrite ou paresse.

    Je m adresse kuri Nyakubahwa.Ni iyihe evenement evident yatumye haba les accords d arusha?Ni yama Bebes OBUS.Ntanumwe yarafise au moins 6 ans azopfa ayibagiye.Twarabuze iyo tuva niyo tuja.Bisigura ko Abayatera aribo ba Peter Nkurunziza bari batsinze mwebwe mwe na Domitien.
    Nosubira kubabaza mbega ni kubera iki le camps oppose a vous yarifise incuti abavyeyi abakunzi muri ville ya bujumbura a jette les bebes obus sur la ville de bujumbura?Inyishu irazwi.Kandi si abahutu gusa biroha harimwo n abatutsi bavuga bati kubera imvo izi ni zi nidupfume dupfa.Imana yarakinze abashingantahe nkamwe baraja Arusha barafundika ibitari bike.Eka na Constitution yarahavuye irisunga les accords d arusha.None ko zikomeye pour changer la mentaite des burundais ni igiki cakozwe kugira zije mu ngingo?ntanakimwe.ntarwego rwabaye cree kugira bige banonosore kandi bongere bashire iningo zafashwe mungiro.Nka East Africa Community yarahavuye y exigea ko chaque membre cree un ministere charge des affaires de la EAC.Nico gituma bisa nuko EAC iriko ija imbere.
    Concernant les accords d arusha ninde yagiye azikwirikirana?Ni iyihe ministere yagiye izikwirikirana?Aho biri les accords d arusha ni ikintu gikomeye
    gose.Il fallait en faire un suivi rigoureux kugira ibitera ingwano i burundi bihere bihere bihere bihere hamwe atawuzosubira kuniga uwundi kumvo novuga bizarres surtout stupides.Hari akantu kitwa agasuzuguro, akarenganyo
    ntavuze le virus numvise ngo yitwa ikigambas...catumye abantu bahunga banyarwa eka nayandi mabi yose vyoba vyaraheze ngo nukubera les accords d arusha.Novuga ko zavuzwe cari icuyumviro gusa.Bisigura ko en realite les accords d arusha ntazo nyakubahwa President buyoya.Kurya mwashize ho ubumwe bwabarundi..Nubu ba intwari mubarundi musabe asubire habe
    Arusha 2.Muri iyo nama yoa etendue sur une periode de une annee abanya politiques surtout les vrais techniciens bokora des sessions ou botora inyishu kungorane zituma abarundi biyumvira encore 10 ans plutard les bebes obus!!!
    A la fin boca bakora ayandi ma accords na constitution iri claire sans cas particuliers...Ivyo bidakozwe Peter aritoza encore pr son second mandat ahabwa na constitution itari claire.Ikibazo canyuma ..muri situation confuse des lois Nyakubahwa president Buyoya mwebwe mwova kubutegetsi kubera intimidation ya communaute internationale?Mbega iyo rebellion ibaye ko ntahora numva itangira.iza kubanguranya akaba kabaye nico gituma au lieu yokubuza peter kwitoza abantu bohagarara kuri Arusha 2.

  • @gigg et autres
    muzobanze mube abarundi ,mumenye no kwandika ikirundi,ivyo mudedemba nta nakimwe cumvikana ni amafuti,genda mube muri ivyo bihugu biteye imbere bitagira n’amoko uburundi muburekere benebwo!!!!

  • Nizerako buyoya yo kwitoza mukugarukana icizere muburundi kuko abahutu vyabananiye Ubuntu bwabahutu biragoye kumenya who bufatiye nu gusubiranamwo kuregana nokwicana hagatiyabo none bazokizande ?twarabarwaniye arika ntibatwibuka bageze muri hotsit none but bashaka tu batore nnnn buyoya nagaruke niwe yokonya peter umuriro uzimwa nuwundi

  • Nizerako buyoya yo kwitoza mukugarukana icizere muburundi kuko abahutu vyabananiye Ubuntu bwabahutu biragoye kumenya who bufatiye nu gusubiranamwo kuregana nokwicana hagatiyabo none bazokizande ?twarabarwaniye arika ntibatwibuka bageze muri hotsit none but bashaka tu batore nnnn buyoya nagaruke niwe yokonya peter umuriro uzimwa nuwundi

  • uwo munshingantahe major petero buyoya avuze ukuri ubona bose yaba bameze nkukwo

  • Umutware yama ari umutware

  • Mwaramutse barundi bene wacu. Twihweje ivyo umukenguzamateka petero Buyoya avuze, twibaza ko atabintu bitomoye nk’ivyo. Buyoya na Nkurunziza bari i Arusha bompi hama batera igikumu ku masezerano yo gutwara igihugu. None Nkurunziza ya yumvise ukundi ko abo barikumwe babivuga neza. Nimba ashaka kuyahindura kugira yitoze na bibaze abanyagihugu ubundi bwo agomba kutuzanira amasezerano yumva wenyene. Ico yomenya nta murundi ashaka gusubira inyuma. Ivyo ashaka gukorera uburundi bizomusubirako. Igihanurwa n’icumva. Peter turagusavye uturekere amahoro twaronkeye i Arusha.

  • Nukuri nyakubahwa petero buyoya arabitomoye kabisa. Kira noneho siwe abivuze ahubwo ni amategeko canke se amasezerano y’I arusha abivuga.petero nkurunziza arakwiye gukunda abarundi n’uburundi nkuko yavyiyemeje ko azokwubahiriza ibwirizwa nshingiro igihe yarahira hariya mu Kigobe.turamusavye ntasubize igihugu mu ngwano.narekure igihugu neza kuko niho azogira n’amahirwe yo kwitoza ikindi gihe. Kandi yoba yiyambitse icubahiro gikomeye cane mu Burundi no mu makungu. Ndamusavye yumve ico abarundi n’amakungu bamusaba,kandi yubahe n’Imana nkuko yabitweretse igihe yatangura gukoresha ibikorane mu gihe yari atanguye gutwara igihugu.urazi ukuntu vyari biryoshe mu Burundi no mu makungu kubona turonse umuyobozi yubaha Imana akongera akayivyinira!

  • Ambassades za USA,GERMANY,BELGIQUES na FRANCE ziriko zandika impapuro zo gutahukana abenyagihugu babo kubera intureka igerie yiyadukize ngaha. Amatwi ansumira akamenyeshako Petero NKURUNZIZA yabuze igihugu comwakirira umukenyezi wiwe n’abana. China nayo yamuhakaniye yanse kwiteranya na ONU. Nkuru rero biraboneka ko azopfa urwa Havyarimana canke azokwiyahure nka Hithler nta kundi yogira

  • uwitwa berwa avuze ukuri naho vuganeza we wagira afise ikibazo kuko nta bwoko bwateza imbere igihugu dutakoreye hamwe nka Barundi ese muri.devise yacu nta "bumwe"burimwo none iyo muzanye ibyo ubuhutu n’ubututsi mbabona nkabantu bakiri muri 1800 kandi tugeze muri 2015 umwaka wo kwiteza imbere

  • Jewe mbona arumuntuwumushingantahe avuzukuri

  • @john
    Mbega buyoya yateza imbere igihugu gute,hari ikintu mukunda kwibagira sinzi igituma,imana yaratwimye abahut n’abatutsi ubwenge.Ntitugira ubwenge bwo kugira découverte no kwubaka amahinguriro ngo twiteze imbere,twese ni ugusega mu bazugu canecane abatutsi barabizi cane ni bo babibamenyereje nico gituma babakunda,rero twese nimba dutegerezwa gusega,hanyuma aho tugize imana bakaduterera ubkorotse mugaca mwirukayo ngo ugara,mushaka twiteze imbere gute canke ubwo bukene muvuga tububakure nivyo dukuyehe?Shima nirya minerval ,na frais z’abaja kwibaruka yabakuyeko je ndi nka we sinobahaye na mba mukirya mukimara kandi na mandats zine mwoca muzimpa ndabarahiye,rero buyoya we sinzi bishasha azoba azanye,atari kugarukana sutama,amavunja na za tifusi n’imibembe !

  • Nivyiza ko abafise ici bavuga nubushobozi budasanzwe bwo guhanura bogira ico bakoz kugira igihugu ntigisubiire kugwa mukaga. Je ndamushimiy knd yavuz ukuri "abari namatwi yumva ni bumve"

  • Le problème majeur aujourd’hui ni abanyagihugu bagandagurwa abandi bagahunga canke bakangara kubera ikiringo ca gatatu ca Nkurunziza cabaye ndanse mu Gihugu. K’ubwanje mbona imyaka itanu atari myinshi cane ugereranije n’uwupfa ntagaruke, kandi abamaze gupfa mu Burundi bivuye kuri politique ni beeenshi caaane. Ivyo kugumura rero abanyagihugu ku mpande zompi bihagarare, abitoza bitoze, y compris Nkurunziza, hanyuma abanyagihugu bazoruca. On n’ a pas besoin presentement de la Cour constitutionnelle pour trancher, vyiza nugukiza amagara yacu n’ibibondo vyacu hanyuma tukarindira 2020, d’ailleurs n’ abatora bazoba bariko baragwira mu Burundi. Nimusigeho rero kuryanisha abantu kubera ikiringo ca 3 ca Nkurunziza, kuko nta numwe kuri ubu yipfuza guhambwa canke gupfa agikomeye. Mbega hoho mwomenya ko Nkurunziza yitoje, bitofatwa nka trahison envers le Pays et la Nation burundaise, puisque l’ imbroglio est au niveau de l’ interpretation de ce qui est ecrit dans la Constitution nationale et non a un acte personnel. C’est ca qui le dedouane et rien de plus. J’ai d’ailleurs impression qu’il est encore trop tot pour se permettre des manifestations houleuses a la bukinabe ou maghrebine car les plaies des genocides et exils du passe, sont encore beantes au fond des coeurs de la plupart des burundais. Nta gusesa amaraso y’abanyagihugu ku bitaduteza imbere, ababahenda nimubime amatwi. Uwuzopfa ntazombaze, ndabakebuye mugifise amatwi yo kwumva n’ubwenge bwo kwiyumvira! Isango ni mu matora et non mu mabarabara!

  • Buyoya none aho avuga ngo gutora peter no kuja vers l’inconue ariko wenyene azi none iyo inconue yoba ari gushira prezida peter muri estomacya gistave ?maze societe civile nabadi banezerwe?uwishe ndadaye nabahutu bakomeye bari bamukikije tutibagiye numutusti richard bari bazi ibizokurikira?

  • Imbere ya vyose hari amategeko pirato najijuke nimba atinya kazoza sha aragowe simubesha!!!!Erega igihugu si itongo yarazwe n umuvyeyi????!!!!

  • @vuganeza
    ariko wangu ninde yakubwiye ko ashigikiye buyoya none. Ariko uwo ari we wese yotwara igihugu nta buhutu nta bututsi agaharanira amajambere y’igihugu numva ariwe ukwiye gutwara uburundi naho wowe sinzi uwo mujinya ahantu uwuvana.

  • Nareke kubabaza abarundi Nkurunziza yumvire abagiye baramuhanura bose abarundi n’amakungu ntazosige umugayo mu gihugu narekure ahereze abandi kandi niyubahirize amategeko ntaje mu ba mbere mukuyahonyanga

  • EWE KAYABAGU IVYO VYARI VYAKERA KUGIFATISHA UMUHETO.....!!!!UBWO WEWE URAKUNDA IGIHUGU CAWE GA NANI CANKE URIKUNDA!
    BUYOYA UWOMUBAZA IYO NDADAYE ARI YOHEREKANA..KASSIMALIN...ABAHUTU BINCABWENGE........REKA AHUBWO NAWE NYENE NGIRA NI FEUILLE YADUHAYE YATEDEREZWA KUBA ASHITSE IRAHE KERA URUBANZA RWIWE RWARAHEZE.
    DAWE BUYOYA NGO NI PARRAIN WA RWASA......HAHAHAHAHAHA BIRATWENGEJE KWELI.

    NKURUNZIZA TUMAZE KUMUTORA RIMWE DUSIGAJE KUMWONGERA IRINDI RIMWE.

  • MBEGA BUYOYA AHO AVUGA UKO...UWOMUBAZA AHO NDADAYE.....NABANDI NTIRIWE NDAVUGA BARI YOHEREKANA KWELI.....!BA MUREKA KUDUSHAVUZA BASHA NDABASAVYE NIMUREKE NYAKUBAHWA NKURUNZIZA AGUME KWIVOLANT ABAGUMYABANGA TURI INYUMA YIWE
    ABARUNDI BOSE.

  • Owo wew ntakundi yari kuvuga.yobazi ivya Democratie konzi intwaro ziw zos zarizo ama Cout d’Etat? Mbe yobazi gutandukanya Vote au sufrage universel Direct et sufrage universel indirect?

  • mwe barundi muhembela urwango rushingiye kumoko mubona bizabageza kuki mwakemeye mukacyira uwiteka akababera umucunguzi mukareka umusaza buyoya

  • Murundi Yavuga Neza.Ariko Abakuru Bibihugu Vyo Muri Afrique Bafise Ingeso Yokwigungirak Ubutegetsi

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.