IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Makamba : Abajejwe intwaro barengewe n’igitigiri c’abaguma birukanwa muri (...)

Makamba : Abajejwe intwaro barengewe n’igitigiri c’abaguma birukanwa muri Tanzaniya

mercredi 11 Nyakanga 2013

Impunzi z’abarundi ziva mu gihugu ca Tanzaniya zibandanya kwiyongera muri komine Mabanda, intara ya Makamba. Abajejwe intwaro bamenyesha ko barengewe n’igitigiri kiguma ciyongera, bagasaba abagira neza kubafasha.

Ku munsi w’ejo gusa, abarundi birukanwe bagera ku 260. Abo nibo bashitse muri komine Mabanda. Benshi muribo baje ukwo nyene basizeyo n’ivyo bari batunze, abandi nabo bahunze kuva kera ntibari bacibuka n’aho bahora baba. Komine Mabanda ica igira ikibazo co kubafungurira n’ukubaronsa aho baryama, indwara nazo ntizisigare inyuma.

Bernard Butoyi, musitanteri wa komine Mabanda amenyesha ko yarengewe n’ico gitigiri kiguma ciyongera, agasaba ko ubushikiranganji bujejwe gufatana mu nda n’abandi bagira neza ko bogarukira kuri abo banyagihugu bari mu kangaratete.

Vincent Nibayubahe, buramatari w’intara ya Makamba ashikiriza ko abo banyagihugu bagiye kwegeranirizwa mu kibanza kimwe, gutyo ishirahamwe HCR ryitaho impunzi rishobore kubafasha


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.