Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Makamba : Abanyagihugu basaba ko igiterwa stevia cokwiragizwa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Uburimyi > Makamba : Abanyagihugu basaba ko igiterwa stevia cokwiragizwa

Makamba : Abanyagihugu basaba ko igiterwa stevia cokwiragizwa

lundi 9 Ruheshi 2014

Abanyagihugu bo mu ntara ya Makamba basaba abajejwe intwaro ko boreka igiterwa Stevia kigakwiragizwa, kuko kizofasha abanyagihugu kuva mu bukene. Abajejwe intwaro bamenyesha ko barindiriye iyindi ngingo izofatwa n’umushikiranganji w’uburimyi.

Abo banyagihugu bo mu ntara ya Makamba basavye ivyo mu gihe umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi, Odeta Kayitesi afatiye ingingo yo guhagarika ikwiragizwa ry’igiterwa Stevia. Mu bajejwe intwaro muri iyo ntara bamenyesha ko barindiriye iyindi ngingo y’ubushikiranganji bw’uburimyi.

Mwokwibuka ko Epitas Bayaganakandi arongoye ishirahamwe STEVCO yiyamiriza itotezwa avuga ko ariko agirirwa na Odetta Kayitesi umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi, aho aherutse gutanga itegeko ku bayobozi b’uburimyi n’ubworozi mu ntara zose, ryo guhagarika ikwiragizwa ry’igiterwa ca Stevia.

Avuga ko abariko baraburagiza ibikorwa vy’ikwiragizwa ry’ico giterwa, ari abadashaka iterambere ku munyagihugu, mu gihe abanyagihugu amajana ane buca babura akazi, kandi mu kwezi kwa Gitugutu umwaka w’2012, ishirahamwe STEVCO riraba ivyo kurima ico giterwa, ryaronse uruhusha rwo kwinjiza imbuto za stevia ziva hanze, uruhusha rwatanzwe n’umurongozi w’iterambere ry’imbuto, nk’uko biri mw’ikete 712.1/101/2012 ryo kuwa11 Gitugutu umwaka w’2012.

Epitas Bayaganakandi akavuga ko bariko batotezwa mu gihe bamaze gushira amafaranga menshi muri ico giterwa cashobora kuzanira amafaranga y’agaciro Uburundi.
Amenyesha ko abibaza ko uwo mugambi ariko awukora ku mvo za poritike bihenda rwose, kuko ubu ugeze mu ntara zishika icumi, kandi muri izo ugasanga atanabamutoye barimwo. Avuga ko abariko baramutoteza, bafise iyindi ntumbero, kandi bokubitiza agatima mpembero, bakibuka ineza y’igihugu n’umunyagihugu, aho gushaka gucinyiza iterambere ry’umunyagihugu, na rirya abamaze kuronka ingemwe zo gutera ico giterwa ca stevia bariko bitegurira guhamba ubukene.


Egide Nduwimana

Messages

  • ABA DD ITERAMBERE NI INKOKO N AKAGOMBA IVYO NTAVYO MWARI MUZI!!!CORRUPTION GUSA NTA KINDI..NONE UWANKA INVESTISSEMENT ASHAKA IKI!!!NGO YORONKA AMAJWI KANDI ABARUNDI BAZOTORA UWO BASHAKA !!!!

  • Numukomereze ngaho mukwitez’imbere bene wacu.
    www.impanda.fr

  • erega ntagitangaje kirimwo kuko ntaciza kiva kuba DD. vyotangaje gusa hamwe atakibi barigukora. hanyuma n’abo bitwa ngo ni aba DPAE baherereye ahariko hakwiragizwa ico giterwa, baribakwiye gutanga imihoho hako bashira mungiro itegeko ricafuza umu agronome nk’iryo. nibareke gutukisha izina.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.