Accueil > Amakuru > u Burundi > Makamba : Abasamburiwe amazu n’imvura basaba gufashwa
Makamba : Abasamburiwe amazu n’imvura basaba gufashwa
vendredi 17 Gitugutu 2014
Imvura ivanze uruhuherezi kandi nyinshi niyo yononye ibintu bitandukanye mu ntara ya Makamba.
Mu mazone ya Bigina na Dunga yo muri komine ya Kayogoro, abantu batandatu bakaba bakometse cane kubera iyo mvura ubu bakaba bariko baravurwa. Amazu arenga cumi nayo yagurutse, ubu abari basanzwe bayabamwo bakaba basavye indaro, mu gihe batabona ukwo bagiye gusanura ayo mazu. Impene nazo zigera kuri zibiri zaciye zihwera, nayo imirima y’imyumbati, ibitoke bikaba vyahuye n’iyo mvura muri zone ya Muyange na Gasenga. Iyo mvura rero ikaba yononye kandi amazu agera kuri atanu yo muri komine ya Kibago.
Imvura imaze iminsi igwa, ikaba iherutse no gusenyura amazu mu ntara ya Muramvya, co kimwe n’imirima yononekaye. Yaba abo banygihugu bo mu ntara ya Makamba co kimwe n’abo b’i Muramvya, bose bakaba basaba kugarukirwa.
Aristide Nizigire
Messages
17 Gitugutu 2014, 12:44, par NTUNGWA Eric.
Pole ncuti yanje mwihangane cane Iman irababona. abafis umutima wo gufasha sibo bafis ivyo gufashish abandi, ariko mwihangan izokwibuk umukene abatabikunze batangare.
17 Gitugutu 2014, 13:44, par CLAY
Ndahojeje abo benewacu b’i Dunga no mu Bigina muri Komine ya Kayogoro.
19 Gitugutu 2014, 07:44, par Bizimana_pascal1@yahoo.fr
Mpore imana irababona