Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Makamba : Ingingo za CNTB zaharitswe vy’agateganyo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amatongo > Makamba : Ingingo za CNTB zaharitswe vy’agateganyo

Makamba : Ingingo za CNTB zaharitswe vy’agateganyo

mercredi 4 Ntwarante 2015, par Egide N

Inyuma y’imigumuko imaze iminsi iba y’abanyagihugu biyamiriza umurwi CNTB mu ntara ya Makamba, buramatari w’iyo ntara, Gilbert Nduwayo, yahagaritse ivy’agateganyo mu kiringo c’indwi zibiri, ingingo zose zafashwe na CNTB muri iyo ntara.

Abanyagihugu bo ku mitumba ya Buheka na Kiderege yo muri komine ya Nyanza Lac intara ya Makamba baheruka kugira imyiyerekano yo kwiyamiriza ingingo z’umurwi CNTB.
Abo banyagihugu bihereje amabarabara biyamiriza ingingo z’umurwi CNTB, aho wari wagiye gushira mu ngiro zimwe mu manza zerekeye imiryango irenga ibihumbi bine yo kuri iyo mitumba. Abo bavuga ko badashima ingingo z’umurwi CNTB ujejwe gutatura amatati y’amatongo n’ayandi matunga, bari bazibiye ibarabara Muheza - Vugizo, bitwaje amabuye, imipanga, amahiri, n’amashami y’ibiti bibisi. Izo ngingo biyamiriza, ni iziheruka gufatwa n’umukuru w’umurwi CNTB ku rwego rw’igihugu Musenyeri Serapiyo Bambonaniye, aho aheruka guhagarika ingingo zari zafashwe na Patiri Astere Kana yahoze arongoye uwo murwi akaba aheruka kwitaba Imana.
Abo banyagihugu bamenyesha ko bazokora ibishoboka vyose kugira banke ingingo z’umurwi CNTB bagiriza ko ucanishamwo abahungutse hamwe n’abasangwa.

JPEG - 61.3 ko
Gilbert Nduwayo, Buramatari w’intara ya Makamba

Buramatari w’intara ya Makamba, Gilbert Nduwayo, yahagaritse kuri uwu wa gatatu, ivy’agateganyo mu kiringo c’indwi zibiri, ingingo zose zafashwe na CNTB muri iyo ntara, akamenyesha ko afashe iyo ngingo kugira akinge ibara ntirirwe.
Gilbert Nduwayo aramutswa intara ya Makamba amenyesha ko agiye gutanguza amatohoza, agahamagarira abanyagihugu kurindira ibizova muri ayo matohoza batekanye.


Egide Nduwimana

Messages

  • Mwese ntimuzotore CNDD FDD kuko IVYO vyose nibo babikora

  • None Bamuhagaritse Kubera Iki?

  • Uwomugabo yiyita ngo ni musenyeri ntabusenyeri bwiwe!!! ntamuntu yitwa ngo nu muvugira Mana yo bana umutima nkuwo wogucanishamwo abenigihugu!, icoyokora kwoba kwuzuriza abantubose, iconico gikorwa kiranga uwurimwo akabuto k’Imana. Abobantu bimakamba ndabikurikiranye nasanze amatongo bayahabwa nareta yonyenubwayo yariho icogihe. Nkareta ico yarikwiye gukora ,yari kwuzuriza bose itahenganye, kuko nuwo murwi biraboneka kukoresha akarenganyo. kuwi yamiriza nibawiyamirize gose atakirya, kuko ntamwicanyi asumba uwomusenyeli.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.