Accueil > Inkino > FOOTBALL > Makenze yaronse agashimwe k’umukinyi yigenjeje neza muri Kenya
Makenze yaronse agashimwe k’umukinyi yigenjeje neza muri Kenya
vendredi 17 Mukakaro 2015
Nizigiyimana Kharim batazira “Makenze” ava mu gihugu c’Uburundi,akinira umurwi Gor Mahia mu gihugu ca Kenya yatowe nk’umukinyi mwiza mw’ihiganwa rya Kenya.
Makenze yatowe n’abamenyeshamakuru b’inkino mu gihugu ca Kenya,aca aronswa amafaranga ibihumbi 350 vy’amanyarwanda n’imboneshakure 42 inch Smart TV.
Kharim Nizigiyimana yakinye mu murwi APR FC na Kiyovu Sports mu gihugu c’Urwanda, yashimwe kubera uruhara yagize mu kurwanra umurwi wa Gor Mahia iza mu kibanza ca mbere mu gihugu ca Kenya,ikaba itaratsindwa mu nkino 18.
Makeze abaye umurundi wa mbere aronkejwe ako gashimwe.
Van Naris Mugisha
Messages
17 Mukakaro 2015, 12:52, par Rodriguez
Big Up Makenze Uradute2ruy Tw Dukunda Umupira Muburundi Il Fau Ko Wibuka Igihug Cakwibaruts
17 Mukakaro 2015, 18:37, par Samuel
Makenze numwAna wuimurundi kuberiki mutomuha agashirukA bute agatezimbere igihugu camwibarutse.
17 Mukakaro 2015, 18:50, par Ntare
Imana ibandanye ikuja imbere Makenze ukore ibirama muga ntuze ube nkabandi baca bihakana igihugu cabo!Ndagukeje!
@Cankuziano@
22 Mukakaro 2015, 12:19, par nshimirimana jean-claude
Numunezero ntangere kuba yateye iteka u burundi n’abarundi.Ni n’akarorero keza yeretse urwaruka.He has made history for himself.
22 Mukakaro 2015, 12:55, par nshimirimana jean-claude
Uranditse amateka kubera ubwira bwawe nubukerebutsi.Utubereye akarorero keza Imana yame ikuzigama