Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Malaysia: Vyemejwe ko igice c’indege catowe arico indege MH370 - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Malaysia: Vyemejwe ko igice c’indege catowe arico indege MH370

Malaysia: Vyemejwe ko igice c’indege catowe arico indege MH370

jeudi 6 Myandagaro 2015

Igice c’ibaba c’indege catowe mw’izinga rya Reunion vyemejwe ko ari co indege MH 370 y’ikompanyi Boeing 777.

Abahinga basuzumye ico gice c’ibaba ry’indege catowe mw’izinga ryo mw’ibahari Indiano bamaze kwemeza ko ari ic’iyo ndege MH 370.
Iyo ndege ya Malaysian Airliner, yazimiye mu kwezi kwa gatatu umwaka uheze,irimwo abantu barenga 200.

Umushikiranganji wa mbere Najib Razak w’igihugu ca Malaysia,yavuze ko Reta yiwe ataco itazokora kugirango ukuri kw’isanganya ryashikiye iyo ndege kumenyakane.

Mwomenya ko ibikorwa vyo kugenzura nimba vy’ukuri igice catowe ari ico iyo ndege biriko bibera mu nzu y’ubushakashatsi y’igisirikare mu gihugu c’Ubufaransa.


Van Naris Mugisha

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.