Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Mali : abana basubiye gutangura amashure i Tombouctou - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Mali : abana basubiye gutangura amashure i Tombouctou

Mali : abana basubiye gutangura amashure i Tombouctou

samedi 18 Rusama 2013

Ibintu biriko birasubira mu buryo bukebuke mu Buraruko bwa Mali.I Tombouctou, naho abantu benshi bakiri mu buhungiro, haba hagati mu gihugu canke mu bihugu bibanyi, hari abatanguye kugaruka, kandi n’abanyeshure bariko barasubira gutangura ivyirwa.

Mu ntumbero yo kubatera intege, amshirahamwe mpuzamakungu atatu ariyo PAM, FAO, UNICEF bari bahashitse kuri uyo wa gatanu igenekerezo rya 17 Rusama 2013, kugira barabe ico bofasha.

Nk’uko bimenyeshwa n’umuyobozi wiryo shure, ibirasi biruzura abanyeshure, abarenga ibice mirongo itanu kw’ijana bicara hasi. Kuva aho abarwanyi baba Jihadistes baviriyeho, abanyeshure bari bahunze baratanguye kugaruka. Ariko rero kubera inzara ntibiga neza, ari naco gituma ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho ibifungurwa kw’isi PAM ryemeye kuzoronsa imfungurwa ku mashure abana bangana n’ibihumbi mirongo itatu bo mu karere ka Tombouctou.
Umupfasoni Sally Haydock, aserukira ishirahamwe mpuzamakungu ry’imfungurwa PAM yasiguye ido n’ido ry’ingene bazofungurira abo banyeshure:« Mu gatondo bazoronswa umusururu kugira bashobore kwigana ingoga, ku murango bazoronswa ibifungurwa kugira bashobore kubandanya barangize umusi.

Kandi barizeye ko bazobandanya batonda kandi bafungurirwa. Kubafungurira vyonyene ntibikwiye kugira babandanye biga ni ngombwa bibuke n’abavyeyi babo ari naco gituma abaserukira ayo mashirahamwe mpuzamakungu bemeye kuzotanga imfashanyo ku barimyi bo muri ako karere ka Tombouctou.


Prosper Ndayikeza

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.