Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Mali: Abantu bane barapfuye mu gitero cabaye mw’ihoteli Byblos i (...)
Mali: Abantu bane barapfuye mu gitero cabaye mw’ihoteli Byblos i Sévaré
samedi 8 Myandagaro 2015
Abantu bane harimwo abasirikare babiri b’igihugu ca Mali,nibo baguye mu gitero cabereye mw’ihoteli yitwa Byblos mu gice ca Sévaré ku birometero birenga 620 mu buraruko bw’umurwa mukuru Bamako,kuwa gatanu igenekerezo rya 7 Myandagaro 2015.
Ico gitero cakozwe n’abantu bagomba kunyuruza abari muri iyo hoteli.Mu bari muri yio hoteli,harimwo abatwara indege mu rwego rwa Minusma bava mu gihugu c’Uburusiya,ari nabo vyikekwa ko baronderwa.
Amakuru yashikirijwe na bamwe mu basirikare ba Mali,iyo hoteli yarimwo kandi abantu batatu bava mu gihugu ca Afrika y’epfo,umwe ava mu Bufaransa,n’uwundi umwe ava mu gihugu ca Ukraine.
Igihugu c’burusiya kibicishije ku bategetsi,camaze kubeshuza amakuru avuga ko abatwara indege batatu bava muri ico gihugu banyurujwe.
Mwomenya ko ako gace kari mu duce dukunda kunyururizwamwo abantu,na cane cane abava mu bihugu vya Buraya.
Van Naris Mugisha
Messages
8 Myandagaro 2015, 19:56, par GERARD
Oooh;iman’ibakire ariko ntibibagirkonomuburundi hariho amabatayo agumakoranabi reronibarabe bizitirirbataronerwa