Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Mali: Abasirikare bafashe ikibuga c’indege ca Gao - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Mali: Abasirikare bafashe ikibuga c’indege ca Gao

Mali: Abasirikare bafashe ikibuga c’indege ca Gao

samedi 26 Nzero 2013

Amakuru ava muri Mali avuga ko abasirikare b’u Bufaransa n’aba Mali bafashe ikibuga c’indege mu gisagara ca Gao gisanzwe mu karere k’abarwanyi ba Islam m’uburaruko.
Ibiro bitanga amakuru vy’u Bufaransa vyavuze ko abasirikare ba Mali nabo u Bufaransa bafashe ico kibuga c’indege hamwe n’ikiraro gikomeye.

Mu gatondo abo basirikare bafashe igisagara ca Hombori kiri nko ku birometero 160 uvuye mu gisagara ca Gao, akarere gakomeye k’abarwanyi ba ba Islam.
Indege z’u Bufaransa zateye ibisasu ibirindiro vy’abarwanyi, ububiko bwabo bw’ibitoro hamwe n’amasase hafi ya Gao.

Ariko hari ayandi makuru avuga ko abarwanyi basambuye ikiraro cahuza ubuseruko bw’igihugu ca Mali hamwe n’igihugu ca Niger, aho abasirikare b’abanya Africa bitegurira gutera bava.

Ico kiraro kiri mu gisagara ca Tassiga, kiri ku nzira ya hagufi uva muri Niger uja mu gisagara ca Gao.

Ariko Ibrahim Ag Idbaltanate, yahoze ari umushingamateka muri Mali, yavuze ko ico kiraro atariyo nzira yonyene yo kujabuka.

Abasirikare bavuye muri Niger na TChad vyari vyitezwe ko bakoresha iyo nzira ngo bifatanye n’abari guhiga abarwanyi.

Ibihugu vyinshi vyo muri Afrika vyaremeye gutanga abasirikare bo gufasha leta ya Mali ngo igarukane uburaruko bw’igihugu.

Kuwa Gatanu ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika ryasavye umugwi ujejwe amahoro n’umutekano mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, ngo wemeze vuba gutanga ibikoresho kugirango abasirikare ibihumbi bitandatu barungikwe.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.