Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Mali: Abasirikare bigaruriye igisagara ca Konna - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Mali: Abasirikare bigaruriye igisagara ca Konna

Mali: Abasirikare bigaruriye igisagara ca Konna

samedi 19 Nzero 2013

Igisirikare ca Mali kivuga ko cisubije igisagara ca Konna kiri hagati muri ico gihugu, cari carafashwe n’abarwanyi b’abayisilamu mu ntango z’uku kwezi.
Abasirikare b’u Bufaransa nabo barabandanya gutera ibibombe mu maja epfo y’igisagara ca Diabaly.

Umuyobozi wa Diabaly yabwiye BBC ko inyeshyamba z’abayisilamu zamaze kuva muri ico gisagara zija mu maja ruguru y’igihugu.

Ishami rya ONU ryitaho mpunzi HCR rivuga ko hari amakuru rifise avuga ko hari ihohoterwa riteye ubwoba ryakozwe n’abo barwanyi mu maja ruguru ya Mali.
Impunzi z’abanyamali nizo zivuga ivyo zakorewe, ngo hari abishwe, abaciwe ibice vy’imibiri n’abana bajanywe mu gisirikare.

HCR ivuga ko yiteze abandi bantu bagera ku bihumbi 700 bahunga.

Abashikiranganji bajejwe imigenderanire bo mu bihugu vyo muri ako karere hamwe n’umushikiranganji w’imigenderanire y’u Bufaransa Laurent Fabius batanguye ibiganiro i Abidjan ku murwa mukuru wa Cote d’Ivoire kwigira hamwe uko bagira ibitero vya gisirikare.

Iyo nama kandi itanguriye iy’abakuru b’ibihugu vyo mu muryango w’ibihugu bya Afirika y’uburengo ECOWAS yabaye kuri uyu wa gatandatu.


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.