Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Mali: Abasoda b’abafaransa bagiye gufasha kurwanyi intagondwa z’aba (...)
Mali: Abasoda b’abafaransa bagiye gufasha kurwanyi intagondwa z’aba Islam
mercredi 16 Nzero 2013
Igisagara ca Diabaly caguye mu minwe y’abarwanyi b’aba islam basanzwe barifatiye uburaruko bw’igihugu ca Malia ku munsi wa mbere.
Indege z’intambara z’abafaransa zimaze iminsi itandatu zigaba ibitero ku birindiro vy’abarwanyi b’aba islam.
Umukuru w’Ubufaransa Francois Hollande yavuze ko iya ataba ubufaransa bwaratabaye igihe bwajayo, amazi yari kureng’inkombe.
Umurwi w’aba Toureg MNLA, wavuze ko ushobora guhindukirira abo barwanyi b’aba islam bahora bafatanije urugamba, ukifatanya n’abawurwanya.
Grace Irimbere