Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Mali : Ihoteri Radisson yatewe n’abihevyi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Mali : Ihoteri Radisson yatewe n’abihevyi

Mali : Ihoteri Radisson yatewe n’abihevyi

vendredi 20 Munyonyo 2015, par egide

Ihoteri Radisson yo mu gisagara ca Bamako mu gihugu ca Mali yatewe mu gatondo ko kuri uwu wa gatanu n’abihevyi bitwaje ibirwanisho.
Iyo hoteri isanzwe izwi ko yakira kenshi abanyamahanga, cane cane Abafaransa. ivyononekaye ntibiramenyekana.

Abantu bitwaje ibirwanisho bivugwa ko ari aba jihadistes binjiye muri iyo hoteri iasanzwe ari iy’umunyamerika, bagira imbohe abantu, abatari bake bakaba bamaze kwitaba Imana. Abo bitwaje ibirwanisho baciye mu ryahumye abajejwe umutekano kuri iyo hoteri, kuko imiduga bajemwo yari ifise iparati ndangamuduga z’abaserukira ibihugu vyabo aho muri Mali (Plaques diplomatiques), ari navyo vyatumye badasakwa.

Mu makuru amaze kumenyekana, n’uko abamaze kwitaba Imana bagizwe n’abakozi bo kuri iyo hoteri hamwe n’abakiriya bari muri iyo hoteri igizwe n’ivyumba 190, umuyobozi wayo akaba yavuze ko ivyo vyumba vyarimwo abantu ku bice 90 kw’ijana.

Abanyamerika bose baba mu gisagara ca Bamako basabwe kwinyegeza kure, cane cane babandanye kuvugana n’imiryango yabo. Ibitero vyabereye mw’igorofa y’indwi, abarwanyi baba jihadistes bakaba bariko barasa amasasu menshi.


IGIHE

Messages

  • isi isigaye yiganziwe na satani :Mana tabara !

  • ivyo vyihebe birakaze america ubufarasa nibareke kwivanga mu vyibihugu vyabasiramu hama ivyo vyubwihevyi vyohera.nayubundi ntanubwo na american izobatsinda.mpaka baretse kwivanga ahubwo ndabemeye nibabasubirize mu nkoko nabo bama bateye amabombe hagapfa abana nabagore ataco bazira.

  • hassani wamwihevyiwe uragowe utihanye ugiye gukurikira muhamadi wawe ya pfuye atihanye, none arindiriye guchibwa urubanza rwogutabwa mumuriro.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.