Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Mali: Oxfam ivuga ko ibintu vyifashe nabi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Mali: Oxfam ivuga ko ibintu vyifashe nabi

Mali: Oxfam ivuga ko ibintu vyifashe nabi

mercredi 20 Ntwarante 2013

Ishirahamwe ry’abagiraneza Oxfam rivuga ko ibintu vyifashe nabi muri Mali, aho abasirikare mpuzamakungu bahanganye n’abarwanyi ba ki Islam.

Icigwa giheruka kugirwa na Oxfam mu ntara ya Gao, casanze ibiciro vy’ibifungurwa vya nkenerwa vyaraduze gushika ku bice miringo indwi kw’ijana.

Ico cigwa kivuga kandi ko abantu bakuze bashika ku mirongo umunani kw’ijana bagabanije ivyo bafungura kugira bahebere abana babo.

Oxfam ivuga ko ukwiyongera kw’ibiciro vy’ibifungurwa kwatewe n’ibikorwa vya gisirikare mu buraruko bwa Mali, vyatumye amabarabara yugarwa abadandaza nabo barigira.

Ubufaransa burongoye ibikorwa vyo guhiga abarwanyi ba ki Islam bigaruriye uburaruko bwa Mali mu mwaka uheze.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.