Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Mali:U Bufaransa busaba ko abasirikare b’ibihugu vya muri Afirika bija (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Mali:U Bufaransa busaba ko abasirikare b’ibihugu vya muri Afirika bija (...)

Mali:U Bufaransa busaba ko abasirikare b’ibihugu vya muri Afirika bija imbere mu Rugamba

samedi 19 Nzero 2013

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire w’igihugu c’Ubufransa, Laurent Fabius yatangaje kw’igihe kigeze kw’inteko z’ibihugu vyo muri Afrika zija imbere mu rugamba rw’ugutuza intagondwa z’Aba Islamu, mu buraruko bw’igihugu ca Mali.

Ivyo Laurent Fabius, yabitangaje mu nama yihutirwa y’abategetsi b’igihugu vyo mu karere ko muri Afrika yo mu burengero yabaye ejo ku musi wa gatandatu, mu gisagara ca Abidjan, mu gihugu ca Cote d’Ivoire, aho baganiye ivyerekeye kurungika izindi nteko, mu gihugu ca Mali, gufasha inteko z’igihugu c’Ubufransa, mu rugamba rw’ukugwanya intagondwa z’AbaIslamu.

Bitegekanijwe kw’ibihugu bihana urubibe na Mali birungika inteko ibihumbi bitatu canke zirenga muri Mali, inyuma yuko Ubufransa burungitse inteko muri ico gihugu haraheze hafi indwi guhagarika abagwanyi b’abaIslamu bigaruriye uburaruko bw’igihugu, bariko batera bigira imbere mu bumanuko bw’igihugu.

Abategetsi, mu gihugu ca Mali batangaje ku musi wa gatanu kw’inteko za Leta zifashijwe n’Ubufransa zasubiye gufata igisagara ca Diabaly zikaba zatujije intagondwa z’AbaiSlamu, zari zafashe ico gisagara ku musi wa mbere.

Inteko z’igihugu ca Mali zari zatangaje imbere yaho ko zari zafashe kandi igisagara ca Konna, mu buseruko bwa Mali.


Grace Irimbere

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.