Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Mali : Umushikiranganji wa mbere yatanze imihoho
Mali : Umushikiranganji wa mbere yatanze imihoho
dimanche 6 Ndamukiza 2014
Inyuma y’amezi atandatu ari muri ayo mabanga, umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Mali, Oumar Tatam Ly yatanze imihoho aca asaba ’umushikiranganji w’ugutunganya ibisagara Moussa Mara ko yomusubirira akongera agashinga iyindi Reta nshasha .
- Oumar Tatam
Umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Mali, Oumar Tatam yatanze imihoho. Mwitanganza ry’iyo mihoho yiwe, ryasohoye kuri uno wa gatandatu ntanahamwe yigeze yerekana ibitumye atanga imihoho mu mabanga yarashinzwe. reta yari yagenywe mu kwezi kwa Nyakanga ,inyuma y’iyimikwa ry’umukuru w’igihugu Keita.
Tubibutse ko atanze imihoho , inyuma y’amezi atandatu ari muri ayo mabanga ,umushikiranganji wambere wa Mali yatanze imihoho kuri uno wa gatandatu ,igenekerezo rya 5 Ndamukiza
KARIRE Floxella
Messages
7 Ndamukiza 2014, 09:36, par Bukuru ASMANI
Bikunaniye uratang’imihoho,nka Nyangona mumatora,eka na Ministre BUTORE na Nduwimana bari bakwiye gutang’imihoho ntaho bataniye n’abahima. Umwe Nd,ni GATERANYAuwundi But n’imukehabwenge none arikw’akor’ihonya bwenge n’abandi ntavuze nka NIyoyankana .