Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Manasse Nzobonimpa yasavye ibintu indwi umukuru w’igihugu Petero (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Manasse Nzobonimpa yasavye ibintu indwi umukuru w’igihugu Petero (...)

Manasse Nzobonimpa yasavye ibintu indwi umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza

mardi 10 Ntwarante 2015

Petero Nkurunziza, umukuru w’igihugu c’Uburundi, yarungikiwe ingingo indwi ategerezwa gushira mu ngiro, nk’uko abisabwa na Manasse Nzobonimpa, yahoze ari umunyamabanga mukuru wa CNDD FDD.

Mw’itangazo uwo yahoze ari somambike w’umukuru w’igihugu, Manasse Nzobonimpa yashize ahagaragara kuri uwu muhingamo w’igenekerezo rya 10 Ntwarante, avuga ko Inama nkuru y’inararibonye, Nkurunziza ategerezwa kuyisambura, umugambwe ugasubira kugendera ku mategeko y’umugambwe CNDD-FDD igihe wahinduka umugambwe igenekerezo rya 07-08/08/2004.

Asaba abagumyabanga bitwa ko bari muri iyo nama nkuru y’inararibonye bacemera za ngingo zafundikirwa i Gitega kuri nya magenekerezo ya 07-08/08/2004, kuvavanura n’iyo nama nkuru y’inararibonye mu mugambwe CNDD-FDD, mu kiringo kitarenze imisi indwi, kuva iri tangazo rigiye ahabona nk’uko abandanya abivuga. Muri iyo minsi indwi rero, Manasse Nzobonimpa agasaba ibi bikurikira umukuru w’igihugu :

1- Gukurikiza ata guhigimanga ibwirizwa nshingiro rya Republika y’Uburundi n’amasezerano ya Arusha ku bijanye n’ibiringo vy’umukuru w’igihugu.

2- Gushengeza General Adolphe Nshimirimana kugira ngo ubutungane bumubaze ibijanye n’amabi yagirizwa, cane cane ababikira batatu bagandaguriwe mu Kamenge.

3- Gusambura umurwi CENI ukajamwo bose, ugatanga imihoho mu kiringo cavuzwe haruguru, tutibagiye guhagarika iyandikwa ry’abazotora gushika irindi yandikwa riciye mu muco.

4- Guhagarika uturwi tw’abicanyi twiyitirira Imbonerakure twaronkeye inyigisho mu gihugu kibanyi ca RDC ahitwa KILIBA ONDES n’abandi banyamahanga, bategurira hamwe ubwicanyi mu bihe vy’amatora, no kwirukana mu gihugu cacu abo banyamahanga tuvuze.

5- Gusigurira abarundi ibijanye no gucukura ubutare bwa NICKEL mu ntara ya Cankuzo.

6- Gufungura abafungiwe ivya politike bose no guhagarika imanza z’irementanya babageretseko.

7- kureka abanyapolitike bose bari hanze bakagaruka mu gihugu no kubacungerera umutekano tutibagiye kubarekera umwidegemvyo.

Tukabamenyesha ko muri iryo tangazo, Manasse Nzobonimpa agaragara ari kumwe na Hussein Radjabu yahoze arongoye umugambwe CNDD FDD, aherutse gutoroka ibohero rikuru rya mpimba, kugeza ubu akaba ata n’umwe azi aho ari.


Aristide Nizigire

Messages

  • Uyumugabo nibikivyamufashe!? Nzobigarukako ubuntamwanya.

  • Manase uri umushingantahe tworonka10 nkawe igihugu coyogorora.

  • Uburundi burahanzwe Gabo abicabagakiza za2004/2007 bogeyekuboneka ewe peter urahazwe nuveko nabadibatware

  • ewe yemwe aho aba dd babwigwa ntibumve, bakerekwa ntibabone, ubu ho bagira bakabone. Ivyo batekeye vyose bigira bibatekurukane. Abagira bagwe ruswi ni za malaya z’abatutsikazi zari zimenyereye zironka amahera avuye mu bahabara bazo, hatibagiwe na sida! ubu ho ngo isigaye ifise imigwi ine. Abitwa ko ari abagabo bazo nabo bubakanye, itera bwoba ryahora ribazingamitse rije hejuru, emwe! ndabarahiye hatazosambuka ingo zitari zike! abahagorewe ni abana babo gusa!!Igihe ca "sokwe niruze" kirarangiye. WE NEED CHANGE BURUNDIANS BROTHERS !! GO AHEAD MANASSE AND EL HADJ HUSSEIN RADJABU !!!

  • None ko atavuze ikizoba iyo misi 7 ni yahera ivyo yasavye bitubahirijwe? Azoca atanguza intambara? Ni adusobanurire neza kugira ngo Abarundi twitegure.

  • mbe manasse ko wanutse n amaki

  • mbe manasse ko wanutse n amaki

  • Manasse, wavutse uvugako intwaro zarizihari bikunze muzohigura wagiye gushika kucowakifuje urengeje imyaka 40 yamavuko, nururugamba winjiyemwo harura iyindimyaka irenga mirongo 40 izoheza ugishikire, urazotera icondakwemereye abuzokwica ntibazobura basha ushobora kwica nigitigirikirenga icowahitanye murugamba wahozemwo ekayemwe nabasirikare bigihugu uzobireza hanyuma mumyaka mirongo 90 yamavuko ushikire igihugu uzotwara atamuntu numwe yitwako yarumukunzi wa Nkurunziza akikiriho! Ntuntumeyo hariya iwabo wa Manasse abanabararira Manasse ntiyumve oyantuntumeyo.

  • Reka Amator Ab Urubug Ruzobasor

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.