Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ururirimbo rushasha ruhayagiza Mandela - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Ururirimbo rushasha ruhayagiza Mandela

Ururirimbo rushasha ruhayagiza Mandela

jeudi 26 Kigarama 2013

Kuva umuhisi Nelson Mandela aryamiye ukuboko kw’abagabo, abaririmvyi baciye bihutira kuririmba ubutwari n’ubugabo bw’iwe. Myriam Abel na Kossity bagiye hamwe batera ururirimbo rwahariwe Madiba.

Abo baririmvyi babiri baturuka mu gihugu c’Ubufaransa bashimishwa n’ubuhizi bwa Nelson Mandela. Uririmbo «R.I.P Mandela» rwakozwe ku buhinga bugezweho rwerekana ishusho ry’ubuzima bwiwe kuva avuka kw’igenekerezo rya 18 Mukakaro 1918, gushika yitabe Imana kw’igenekerezo rya 5 Kigarama 2013. Amasanamu yayo ari mw’ibara ryera n’iryirabura, bisigura ko Mandela naho yari umwirabure ibikorwa vyiwe vyarera, kandi muri we n’abandi bo kw’isi baramukenguruka kandi bamwiyumvamwo. Muri iyo ndirimbo, Kossity atera mu gahogo avuga ati: « Igenekerezo rya 18 Mukakaro 1918, waraje kw’isi, Madiba.

Umurwanyi w’intatsindwa w’amahoro n’ubuntu. Ijwi ryawe rizokwama ryumvikana mu mitima ya benshi, ego ijwi ryawe rizokwama ryumvikana. Abari baboshwe n’akarenganyo, n’ubungunge bakuronseko urukiza ». Aho Myriam Abel nawe yaritabira. Mu mpera z’urwo ruririmbo, bereka amasanamu ya Mandela, uwo muririmvyi aba ariko aratamba haboneka amasanamu ya Mandela arengana.

Aha munsi muribonera uko irwo rurimbo rukoze n’ukuntu ruryoshe


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.