Accueil > Amakuru > Intwaro ibereye > Maramvya: Abanyagihugu bariyamiriza ingingo yo gukura umukuru wa (...)
Maramvya: Abanyagihugu bariyamiriza ingingo yo gukura umukuru wa zone
mardi 18 Myandagaro 2015
Abanyagihugu bo muri zone ya Maramvya mu ntara ya Bujumbura Rural bazindukiye mu myiyerekano mu gatondo ko kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 18 Myandagaro,biyamiriza ikurwa ry’umukuru wa zone.
Ingingo yo gukura umukuru wa zone Maramvya yafashwe na buramatari w’intara ya Bujumbura Rural.
Abari muri iyo myiyerekano bamenyesha ko bafise umubabaro kuko umukuru wa zone yari asanzwe ameze neza kandi yatwarira bose,agatanga impanuro mu gihe c’indyane,kandi bakaba bamukuye ikiringo ciwe kitararangira.
Buramatari w’intara ya Bujumbura avuga ko ikurwa ry’umukuru wa Zone Maramvya rifise insiguro kuko hari ikibazo c’amatongo bariko bakorako amatohoza ko yoba abifisemwo uruhara,basanze atarwo afisemwo asubizwe mu mabanga.
Buramatari w’intara ya Bujumbura Rural avuga ko abagize imyiyerekano atari abanyagihugu bose ariko ko ari akarwi k’abantu bashigikiye umukuru wa zone Muramvya.
Van Naris Mugisha
Messages
18 Myandagaro 2015, 14:23, par LOLILO
ITOND BURAMATAR, NAWE NTAKWEZI KUZOHERA UDAKUWE, KANDI NDAKIZINEZA
18 Myandagaro 2015, 19:59, par GERARD
IVYOBIRASANZWE NIBATEKEREZE NTAWUHORANISI NIJURU.NABAHE UWUNDIKUKOMWIHAYIBARABARA NIBINDI.
18 Myandagaro 2015, 22:37, par Alex
NIBAMUREK URYA MUTAMA YIMARIRE MANDA BAGOMVYE BAMWONGERE ABANDI BO NTIBABAHEYE?