Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
"Margarita Barankitse, inyenyeri, icitegererezo mw’iterambere rya (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Iterambere > "Margarita Barankitse, inyenyeri, icitegererezo mw’iterambere rya (...)

"Margarita Barankitse, inyenyeri, icitegererezo mw’iterambere rya Afrika"

mercredi 23 Gitugutu 2013

Iterambere mu Burundi ryoshoboka mu gihe abantu boreka indyane yaba izifatiye ku moko ,amadini, intara canke imigambwe, bagakora ibishoboka vyose kugira biteze imbere. Akarorero n’ako umuntu umwe gusa yatejeje imbere intara y’ amavuko yiwe Ruyigi, uwo nawe ni Marguerite Barankitse batazira Maggy arongoye ikigo Maison shalom.

Intara ya Ruyigi iri mu Buseruko bw’ igihugu c’ Uburundi, igizwe n’ama komine 7 ariyo Butaganzwa, Butezi, Bweru ,Gisuru, kinyinya, Nyabitsinda hamwe na Ruyigi. Ushitse ku murwa mukuru w’intara ya Ruyigi, huzuye ibikorwa vyakozwe n’ubwira n’umwete vy’uwo mukenyezi Marguerite Barankitse, aha twovuga ibitaro vy’akarorero vyitwa Rema, inzu yo kurabiramwo amareresi ,inzu zo kwivuniramwo umusase, inzu zo kwakiriramwo ingenzi n’ibindi n’ibindi.

Akarorero n’akibitaro REMA ushitse. Kuri vyo bitaro ucinjira gusa wakirwa n’utwatsi dutotahaye, isuku ryinshi cane, birateye igomwe ntiworaba. Aho mu bindi bitaro bitari bike wakirwa n’akamoto atari keza, umunuko ariwo wakira abarwayi n’abarwaza hamwe atanico wohafungurira uhashitse ntiwomenya n’uko ari ibitaro. Umaze kuhinjira wohora uraraba ntanakantu na kamwe k’akanenge wohatora wohatora ku bijanye n’isuku, usanga hasi eka n’uwosesa amata umenga woyahanywera. Ivyo bitaro bifise hafi ibisata vyose vyo kuvura mbere muri kino gihe bariko baritegurira kwakira ibindi bisata, nk’akarorero aho bazokwakirira babana bavuka batageze. Ivyo bitaro birakira n’ingenzi, abaganga baje bava hanze baje mu bikorwa vyo kubaga mbere muri kino gihe hakaba hari abaganga b’abafaransa bakorera ishirahamwe Gynécologies Sans frontières, baje kubaga abakenyezi bafise ubumuga bumwe bumwe bwo mu bihimba vy’irondoka. Abo banyamahanga twaganiriye bavuga ko uwo mukenyezi ari inyenyeri, ari icitegererezo mw’iterambere rya Afrika.

Ku murwa mukuru w’intara ya Ruyigi uhashitse, hafi gato yaho imodoka zunguruza abantu zivuye mu zindi ntara zihagarara hafi, hari cite des anges, aho naho hari ubwogero bwiza cane bimwe twita ‘’piscine’’, hari isomero ry’ibitabu bimwe bita bibliotheque eka hari ho n’umuhora ngurukanabumenyi abakiri bato baraza baraja kurahura ubwenge.

Hafi yaho hari aho kwivunira umusase bita frieden ,ubwo bunywero nabwo nyene bwakira ingenzi nyishi uri abavuye mu ntara zitandukanye z’igihugu c’Uburundi, canke mu mahanga abenshi usanga bateramiye muri ubwo bunywero. Aho rero hari ubwoko bwose bw’ibinyobwa, imifungurwa zitandukanye eka n’irya nawe. Uhafunguriye, eka n’imfungurwa z’akanovera, ingenzi ntizidoga pe. Impande y’ubwo bunywero hari inzu y’uburaro igizwe n’vyumba vyiza cane, eka uharaye ntiwokwidoga buri cumba uba ufise imboneshakure hamwe n’umuhora ngurukanabumenyi. Icibonekeza inyubakwa za Maison shalom zirangwa n’isuku ridasanzwe.

Ikinyamakuru IGIHE caganiriye n’abanyaruyigi baremeza ko uwo mupfasoni ari mu bantu bateje imbere iyo ntara ya Ruyigi, kuko iyo ntara iraronka ingenzi zitari nke kubwo uwo mupfasoni. Barashima cane ubwira bw’uwo mukenyezi bati hamwe hoboneka abantu bafise ishaka ryo guteza imbere igihugu c’Uburundi nk’uwo mupfasoni bakareka kuba basumira inda, narirya hari n’igihe imfashahanyo zitangwa n’amakungu zikagaburwa ukuri kwamye.

Igihugu cotera imbere hamwe twitayeho igihugu cacu tukareka ibisamaza. Mwomenya ko igenekerezo rya 31 Gitugutu, ariho hazohimbazwa imyaka 20 ikigo Maison shalom gishinzwe n’uYo mupfasoni Maggy ,imyiteguro ikaba ari yose, ndetse hakaba hari n’abatumire bazova mu makungu baja baramaze gutumirwa, tutibagiye n’abanyacubahiro bazova i Bujumbura.

JPEG - 135.3 ko
Nyenicubahiro Umukuru w’igihugu agendera ibitaro REMA ku wa 5 Ntwarante 2010

Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.