Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Mariam SANKARA : Blaise Compaoré akwiye gushikirizwa ubutungane
Mariam SANKARA : Blaise Compaoré akwiye gushikirizwa ubutungane
mardi 4 Munyonyo 2014
Mariam Sankara, umupfakazi w’uwahoze ari umukuru w’igihugu Thomas Sankara, yashimiye abanyagihugu bo muri Burkina Fasso berekanye ko barambiwe n’ubutegetsi bw’umukazo. Yasavye imiryango yabuze ababo mu migumuko yakuye ku butegetsi Blaise Compaoré ko yokwitura ubutungane mpuzamakungu, kugira uwo mukuru w’igihugu yakombowe abazwe amabi yagirizwa.
Mw’ikete yanditse, Mariam Sankara, umupfakazi wa Thomas Sankara, yamenyesheje ko akeza ubutwari bw’abanyagihugu bo muri Burkina Fasso biyamirije akajagari ka poritike kagira gaterwe na Blaise Compaoré hamwe naba somambike biwe, akibutsa ko ubutegetsi bwa Blaise Compaoré n’abo bari bacuditse bwahekuye imiryango itari mike. Mariam Sankara avuga ko nawe ari muri abo batewe agahinda n’ubwo butegetsi, kuko yagandaguriwe umugabo wiwe mu 1987.
Uwo mupfakazi avuga ko Blaise compaoré ategerezwa kubazwa ivyaha yagirizwa imbere y’ubutungane, ahubwo agasaba n’abanyagihugu babuze ababo mu migumuko yabereye i Ouagadougou ko bokwitura ubutungane. Ku bwiwe rero, Blaise Compaoré ntiyari akwiye kuba yidegemvya aho ari mu buhungiro i Yamoussoukro, ahubwo Mariam Sankara akabona ko yari akwiye kubazwa amabi yagirizwa.
Egide Nduwimana