Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Mark Zuckerberg yiyemeje gufasha gushikana ubuhinga bwa none mu makambi (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Mark Zuckerberg yiyemeje gufasha gushikana ubuhinga bwa none mu makambi (...)

Mark Zuckerberg yiyemeje gufasha gushikana ubuhinga bwa none mu makambi y’impunzi

lundi 28 Nyakanga 2015

Mark Zuckerberg yashinze ubuhinga bwo gutumatumanako bwa Facebook yiyemeje gufasha mu mugambi wo gushikana ubuhinga bwa none mu makambi y’impunzi agenzurwa n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

Mu gihe yari yitavye inama y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU i New York, Zuckerberg yavuze ko bizofasha impunzi mu gushikirwa n’ imfashanyo no kudatandukana n’imiryango yazo.

Yavuze kandi ko Facebook igiye kwitaba umugambi mushasha wo kwegereza ubuhinga bwa none ku muntu wese aba kw’isi mu myaka itanu iri imbere.

Abandi bari muri uwo mugambi wiswe Connectivity Declaration - ni umuririmvyi rurangiranwa Bono, umukinyi w’amareresi Charlize Theron, abatunzi karuhariwe Bill Gates na Richard Branson ndetse na Jimmy Wales ari mu bashinze ubuhinga bwa Wikipedia.

Mark Zuckerberg yavuze kandi ko ubuhinga bwa none bushobora gufasha ONU mu kushika ku migambi yayo y’iterambere no gukura abantu mu bukene.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.