Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Maroc : Umutamakazi w’imyaka 96 yemanze uko yafashwe ku nguvu n’umurwi (...)
Maroc : Umutamakazi w’imyaka 96 yemanze uko yafashwe ku nguvu n’umurwi w’imisore
jeudi 20 Ntwarante 2014
Mu gihugu ca Maroc mu gace ka Rabat, hari umutamakazi azwi kw’izina rya Mi Rahma afise imyaka 96 y’amavuka yemanze ku mugaragaro ko yafashwe ku nguvu n’umurwi w’imisore y’imyaka 25, ikaba yamusinzikarije amagara.
Umutamakazi Mi Rahma avuga ko yafashwe ku nguvu kuri uwu wa mbere wa 17 Ntwarante 2014 n’umurwi w’imisore ifise imyaka yababa 25 y’amavuko. Iyo misore ikaba yamusanze ku muhana iwe i Sidi Slimane, aho yamwuguruza ku nguvu umwango w’akazu abamwo. Niko kumurengerako yose imusiga ari indembe. Iyo misore yari yitwaje ibirwanisho bigizwe n’imipanga, ihejeje gukora ico kibi kibishe, yaciye itungwa n’ayo yameze.
- Umutamakazi Mi Rahma
Amaze gufatwa ku nguvu, yaciye ajanwa mu bitaro amerewe nabi, ariko Imana ikaba yarakinze akaba ataco yabaye kinini. Ahejeje kuvurwa, yaciye asubizwa ku muhana iwe naho umutima wiwe wari ugihungabanye kubw’ivyo yakorewe.
Naho bigoye kuvuga igihe umuntu ashikiwe n’icago co gufatwa ku nguvu, Mi Rahma we siko vyagenze, yashimye kwigana ingene vyagenze kuriwe, kuva iyo misore imufata ku nguvu gushika iheze icari kiyizanye. Ariko, avuga ko atibuka neza namba iyo misore yoba yamwuririyeko icarimwe canke hoba haratanguye umwe gushika bahere. Mi ati : “Nari nagerageje kwinyegeza igihe umwe muribo yabomora umwugariro w’inzu yanje, ariko vyabaye ivy’ubusa ivy’ukwinyegeza kuko yaciye ansimbirako araniga mera nk’uwupfuye”.
Muri iyo ntahe yiwe, umutamakazi Rahma, avuga ko yibuka neza ko umwe muri iyo misore yasa n’iyariwe amavubi, yari umwana w’umubanyi wiwe.
Mwomenya ko uwo mutamakazi yahora yibana mu kazu ka wenyene, ariko akaba yarahiye ararengwa ko adashobora kuva kuri ako gatumba kuko ariho yakuriye, mu gihe yari yasabwe kwimuka kubw’ivyo yakorewe. Agira ati : "Imana yo nyene niyo mfise izondinda”.
Mariella Bukuru
Messages
20 Ntwarante 2014, 13:37, par niyonkuru
MBEGA YEMWE KARACIYE INGANI KWISI HABURE INDAHIRO? BARAGOTSE, AHUBWO NIMBAZA KO BARI BANYOYE IBISAZI. NAGAHOMERABUNWA PE!
20 Ntwarante 2014, 18:52, par thharcisse
Numuti!
22 Ntwarante 2014, 22:33, par Méthodis
NI AKAMUNA!