Accueil > Amakuru > Mu makungu > Marseille : Abanyagihugu batamariwe
Marseille : Abanyagihugu batamariwe
lundi 10 Ruheshi 2013
Ibihumbi n’ibihumbi vy’intama zarenganye mu gisagara ca Marseille mu gihugu c’Ubufaransa kuri uyu w’Imana igenekerezo ray 9 Ruheshi 2013, aho ivyo bitungwa vyariko bikurikiranwa n’isinzi ry’abantu bariko bararaba iryo gishuka ry’ivyo bitungwa biri mu bwoko bw’intama, impene n’amafarasi.

Ivyo bitungwa rero bikaba vyangana nk’4325 ariko ibihumbi bitatu zari intama bikaba vyari bije biva aho bita Istres, ivyo bitungwa bikaba vyari biherekejwe n’abungere batari bake. Muri urwo rugendo, hatangura indogobwe zirabura cane zitatu bigasigura ico twokwita ububanyi bwiza hagati y’abantu n’ibiyungwa.

Haca hakurikira intama ku mirongo yazo, inyuma hakurikira impene n’imyagazi yazo zose ziherekejwe n’abungere bazo.
Urwo rugendo rero rw’ivyo bitungwa rwazananye mu gihugu c’Ubutariyano ndetse bikavurwa ko ari nk’umugenzo. Urwo rugendo rukaba rwari rwitezwe guhera igihe c’isaha indwi n’inusu ku kiyaga Prado.

Aristide Nizigire