Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Martinique: Abagore babiri ba mbere barubakanye
Martinique: Abagore babiri ba mbere barubakanye
samedi 22 Ruheshi 2013
Bwabaye ubwa mbere mbere mu mateka y’igihugu ca Martinique abantu babiri basangiye ibitsina bubakana. Rosemonde Zébo na Myriam Jourdan barashingiranywe imbere y’amategeko, aho umwe yemeye ko agiye kubera uwundi umufasha.
Mu mwanya Rosemonde Zébro yariko asezerana na Myriam Jourdan yari yaherekejwe n’umukobwa wiwe, aho bari batumiye imiryango yabo ndetse n’abamenyeshamakuru. Akaba yaratangaje icese ko yakiriye neza umunsi w’ubukwe bwiwe, abivugana umunezero mwinshi cane.
Mu bikorwa vyo kubasezeranya, umuyobozi w’akarere ka Carbet basezeraniyemwo, yabasavye kwubahana no kworoherezanya, anabasomera ingingo zijanye no gusezerana mu mategeko ku bagiye kurushinga. Inyuma y’aho, abo bompi baciye biyemeza ko basezeranye kwubakana ata gahato.
Martinique ni igihugu kiri mu burasirazuba bw’ikiyaga ca Caraibes muri Haiti. Akaba ari incuro ya mbere mu mateka y’ico gihugu havugwa abantu babanye bahuje igitsina.
Egide Nduwimana
Messages
28 Ruheshi 2015, 22:35, par NTAKIRUTIMANA IVEHTE
AHUBWO ISI IGEZE AHAMANUKA!NONESE AHO BABIGENZA GUTE?MUGIHE BARIGUKORA IVYOMUGABO ATEGEREZWA GUKORA?UMVANDUMIWE PE!!
28 Ruheshi 2015, 22:37, par NTAKIRUTIMANA IVEHTE
AHUBWO ISI IGEZE AHAMANUKA!NONESE AHO BABIGENZA GUTE?MUGIHE BARIGUKORA IVYOMUGABO ATEGEREZWA GUKORA?UMVANDUMIWE PE!!