Accueil > Amakuru > Amashuri > Mashandari:" Amanota 34 % ntatuma abanyeshuri bakurikira neza amashuri (...)
Mashandari:" Amanota 34 % ntatuma abanyeshuri bakurikira neza amashuri yisumbuye"
vendredi 11 Nyakanga 2015
Emmanuel Mashandari umukuru wa Sendika y’abigisha bo mu mashuri yisumbuye CONAPES amenyesha ko amanota bafatiyeko ku banyeshuri bazokwinjira mu mashuri yisumbuye adashobora gutuma bakurikirana ivyigwa vyo mu mashuri yisumbuye kandi bashobore guhiganwa.
Amanota 34 kw’ijana niyo ubushikiranganji nbw’indero,inyigisho za kaminuza n’ubushakashatsi bwafatiyeko ku banyeshuri bahejeje amashuri y’intango bagomba kuja mu mashuri yisumbuye.
Kubwa Emmanuel Mashandari ayo manota yerekana urugero ruto rw’ubumenyi bw’abanyeshuri bo mu mashuri y’intango,kandi bitegerezwa kugira ingaruka ku mashuri bazokwiga bayashitsemwo bafise ayo manota.
Emmanuel Mashandari avuga ko abanyeshuri bimukanye ayo manota baba bafise ingorane zo gukurikira ivyigwa vyo mu mwaka w’indwi,mu gihe uburyo bwo kwigisha mw’ishure nshingiro bwahindutse aho batangira ivyigwa mu mirwi.
Van Naris Mugisha
Messages
11 Nyakanga 2015, 12:16, par admune
sha ntaco mfis mvuga amashuri abaye ayo igihushane c,incabwenge
11 Nyakanga 2015, 12:16, par admune
sha ntaco mfis mvuga amashuri abaye ayo igihushane c,incabwenge
11 Nyakanga 2015, 12:21, par Chris
Je suis d’accord avec toi
11 Nyakanga 2015, 19:22, par Kimwehumwehu
ABANYESHURE BAGIY KWIGA UBUSA KUBUNTU KUBERA KUDAKWIRIKIRANWA NEZA BIVANy Nigitigiri Kinini.
11 Nyakanga 2015, 22:52, par Ubumenyi
Aba bahejeje gushikiriza ivyiyumviro , birerekana ko mutategereye politique yo kwigisha abana bose. Kurabira ku manota make siho ikibazo kiri. Ikibazokiri nyabuna ku bumenyi baronka mu mashure uko bumeze. Ivyo navyo bibazwa abigisha. Abana baciye ubwenge kurusha abandi ntaho baroye bazoheza babandanye na kaminuza hanyuma abatabishoboye nabo bagarukire aho bashobora. None bafatiye kuri meshi ga Mashandari boba batoreye umuti w’ikibazo c’abigisha badakora ico bagenewe? Mbega abadashikanye ayo manota meshi barabiyeko boca baja hehe? Kuragira? Kurima? Ntaburagiro , nta matongo akibaho mushinganta. Ibi ivuga ni bimwe duhitiyemwo vyo kwigisha bamwe abandi bagasaza batamenye gusoma no kwandika. Ivyo navyo twarabisezereye.
12 Nyakanga 2015, 06:27, par N B
WAPI NTAMASHURI YUBU.
8 Gitugutu 2015, 01:56, par mwarabu
Mbega aba dd!!
9 Gitugutu 2015, 20:17, par Nzobarantumye Jean
Gusa Ico Mbona Nuko Reta Ishaka Ko Abana Bose Biga Kandi Ataporitike Itomoye Yo Kubaronsa Akazi Bahejeje Amashuri
16 Nzero 2016, 06:52, par Tungukobiri
Dukwiye kumenya ko ishure ari irya bose ariko ni ukugwiza ubwoko bwayo abo binaniye baje mu bigo vy’imyuga kandi hakiri kare.Ivyo rero bisa n’ivyananiye Reta