IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Matana: Inzoga y’igiti ikorwa hari bamwe mu bajejwe intwaro bayirerekeye

Matana: Inzoga y’igiti ikorwa hari bamwe mu bajejwe intwaro bayirerekeye

lundi 25 Munyonyo 2013

Mw’isakwa ryagizwe n’abajjwe umutekano i Matana mu ntara ya Bururi, hafashwe abarundi, abanyarwanda n’abakongomani batagira ivyagombwa, ndetse harafatwa n’inzoga bita igiti na kanyanga biraheza biraseswa.

Abafashwe bose batagira ivyangobwa, bakaba bari imbere y’inzego z’umutekano. Bimenyeshwa ko abarundi batagira ibibaranga baca baheza bagatangishwa ihadabu nayo abanyamahanga batabifise, bakaba baca bashikirizwa igiporisi kijejwe ivy’imbibe baheze babarungike mu bihugu baje bavamwo, babone kugaruka ari ukwo bafise ivyangombwa.

Muri iryo sakwa rero abajejwe inzego z’umutekano bakaba bidogera cane abajejwe intwaro ku mitumba, kuba bakingira ikibaba abakora ubwo bwoko bw’inzoga bita igiti na kanyanga. Bivugwa ko abatware bo hasi aho i Matana boba bapfumbatishwa kugira ntihagire ico bakura ku munwa ku bijanye n’iryo korwa ry’izo nzoga zitemewe n’amategeko. Abanyagihugu rero bakaba bemeza ko abapfumbatishwa bo batabuze, ndetse bakavuga ko na bamwe mu baporisi baho i Matana batera, kuko harimwo abapfumbatishwa, bagaheza bakirabira hirya izo nzoga zigakorwa ndetse zikanadandazwa atacamira.

Tukaba twobamenyesha ko hafashwe ku mugaragaro amaritiro atari make y’iyo nzoga y’igiti. Abanyagihugu bakaba basaba ko abakora izo nzoga bohashwa, ndetse hagakorwa n’amatohoza ku batware barya igiturire kugira inzo nzoga zikorwe, gushika naho zidandazwa, baheze bahanwe bimwe vy’akarorero.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.