Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Matana : Isoko ibuze amazi n’ihemero - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubudandaji > Matana : Isoko ibuze amazi n’ihemero

Matana : Isoko ibuze amazi n’ihemero

mercredi 27 Myandagaro 2014

Isoko ya Matana iri mu ntara ya Bururi uretse ko yugarijwe n’ingorane z’amazi meza, ifise n’ingorane z’umutekano hamwe yofatwa n’umuriro, mu gihe ibibanza vyose bitagira isaganirizo.

Iyo soko rero ya Matana ikaba itagira ihemero, mu gihe ahari ibibabanza hose huzuye ibidandazwa vy’abantu. Haba mu kwinjira muri iyo soko, hakaba hari ikibazo, kuko n’abaja gusuma kiba ikibazo mu kuhinjira kubera ubwinshi bw’ibidandazwa biri haba mu bwinjiriro bw’isoko canke mu bindi bibanza vy’ihemero ry’isoko. Hamwe iyo soko yogira isanganya igasha, abazimya bikaba vyobagora kuronka aho baca. Ku bw’umuyobozi w’iyo soko, akamenyesha ko ico kibazo bamaze kukibona, ndetse abadandaza bakaba bariko barakora ibishoboka vyose kugira ibidandazwa vyabo birihe mu mashirahamwe yo gukinga impanuka. Amenyesha ko kuva isoko ya Bujumbura ihiye igatokombera, ndetse hagaca hakurikira n’izindi soko zimwe zimwe, ivyo vyatumye abadandaza bo muri iyo soko ya Matana nabo, biyumvira gutangura gukingiza ibidandazwa vyabo.

Dieudonné Ndayimirije umuyobozi w’isoko ya Matana, akavuga ko kugeza ubu, amwe mu mazu adandarizwamwo aja yaramaze gukingirwa mu mashirahamwe akinga impanuka, co kimwe na bimwe mu bidandazwa vy’abanyagihugu. Ariko ku kibazo c’ibura ry’amazi gishobora gukwega ingorane ku ndwara z’ijanye n’isuku rike, uwo arongoye isoko ya Matana akavuga ko ico kibazo ubu kigeze mu buyobozi bw’ikomine.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.