IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Matana : Umusuma aturuka mu ntara ya Ngozi yishwe n’abanyagihugu

Matana : Umusuma aturuka mu ntara ya Ngozi yishwe n’abanyagihugu

mercredi 16 Ndamukiza 2014

Umusuma avuka i Tangara mu ntara ya Ngozi yiciwe i Matana mu ntara ya Bururi, aho yari aroye kwiba mu rugo rwa Simeon Nzirubusa.

Uwo musuma yishwe n’abanyagihugu bo ku musozi wa Bihangaza komine ya Matana intara ya Bururi, yari yitwaje ibirwanisho co kimwe n’akandi karwi k’abasuma bari kumwe nawe. Umuhana wa Simeon Nzirubusa umaze guterwa, ukaba waciye utabaza ababanyi kugira babatabare, ari ko guca baza, kubahurura.

Abantu benshi bamaze gushika ku muhana w’uwatewe n’abasuma, izo nkozi z’ikibi zikaba zaciye zishaka kwirwanira, ariko guca zikomeretsa abanyagihugu bashika kuri bane bo kuri uyo musozi wa Bihangaza, maze umwe nawe muri abo basuma aca arafatwa n’abanyagihugu, baramukubita, gushika aho bamusiga ari ikiziga. Uwo yagandaguwe aroye kwiba akaba azwi kw’izina rya Arthémon Simbananiye

Abarongoye intwaro muri ako gace bakaba basaba abanyagihugu kwirarira, mu ntumbero yo kubuza ibikorwa vy’inkozi z’ikibi. Ikindi abanyagighugu basabwa akaba ari ukutihanira na rimwe iyo bafashe umusuma.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.