Accueil > Inkino > FOOTBALL > Abakunzi b’INTAMBA MU RUGAMBA babwiwe isango ry’urukino rw’ugusubiriza
Abakunzi b’INTAMBA MU RUGAMBA babwiwe isango ry’urukino rw’ugusubiriza
vendredi 9 Gitugutu 2015, par
Urukino rw’ugusubiriza hagati y’umurwi nserukiragihugu w’Uburundi INTAMBA MU RUGAMBA hamwe n’umurwi nserukiragihugu w’amazinga ya Seychelles rutegekanijwe i Bujumbura kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 13 Gitugutu 2015. Abakunzi b’umupira w’amaguru basabwe gusidukana n’iyonka.
Amakuru dukura mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi amenyesha ko urukino rwugusubiriza ruzobera i Bujumbura ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko RWAGASORE, akazoba ari ku munsi w’akaruhuko, kw’igenekerezo rya 13 Gitugutu 2015, umunsi abarundi bibuka igandagurwa ry’umuganwa Rudoviko RWAGASORE yarondeye intahe y’ukwikukira.
Mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi bahamagarira abakunzi b’umupira w’amaguru hamwe n’abakunzi b’INTAMBA MU RUGAMBA ko boza ari benshi gushigikira umurwi w’Uburundi usanzwe waratsinze mu rukino rwa mbere rwabereye mu mazinga ya Seychelles.
Muri urwo rukino rwa mbere, igitsindo c’Uburundi cinjiye ku munota wa 15 w’igice ca mbere c’urukino, umukinyi Abdoul Razak Fiston, umukinyi w’umusatirizi w’Intamba mu Rugamba akaba ariwe yinjije ico gitsindo cahaye intsinzi umurwi w’Uburundi.
Mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru bakaba bataramenyesha igiciro itike y’ukwinjira izoba igurwa, tukaba tuzobibamenyesha mu makuru yacu yo hanyuma.
Egide NDUWIMANA
Messages
9 Gitugutu 2015, 11:37, par MANIRAHO
Turasavye dushimitseko ibimaze iminsi biba kubwinjiriro bitosubira kuba kubarorerezi! ni ukuvugako controle yobera nkoku metero ijana yubwinjiriro. Akarorero nkokuva kuri garage Mercedes Benz kugira ntihabe umusunikano mukwinjira hanyuma bugurure imiryango yose uko yakabaye. Birababaje kuba waguze itike yawe ukinjira umupira watanguye!
naba police baroroherwa .Ivyo bikozwe uko ntangorane zizohaba. Murakoze
10 Gitugutu 2015, 06:18, par David Soweto
Ariko ndabasaba ko mwazadusabira RTNB ikajya itwereka inkino z’intamba kuko mu Rwanda natwe tuba twifuza kuziraba .
10 Gitugutu 2015, 06:20, par David Soweto
Ariko ndabasaba ko mwazadusabira RTNB ikajya itwereka inkino z’intamba kuko mu Rwanda natwe tuba twifuza kuziraba .
10 Gitugutu 2015, 22:49, par Sunday Arakaza
Tuzotsinda 2-0 None Mudushirirj Kuri Television?