Accueil > Amakuru > Poritike > Matongo : Abanywanyi ba MSD na CNDD FDD barabana ribi
Matongo : Abanywanyi ba MSD na CNDD FDD barabana ribi
lundi 3 Munyonyo 2014
Abanywanyi b’imigambwe ya MSD na CNDD FDD muri komine ya Matongo baraba ay’ingwe inyuma y’aho abo mu mugambwe MSD bavugiye ko ibendera ryabo ryaranduwe n’abanywanyi ba CNDD FDD.
Ivyo bikaba vyashitse inyuma y’aho ku mutumba wa Nyakibingo muri iyo komine ya Matongo, ibendera ry’umugambwe MSD riranduriwe, kandi hari hiriwe inama y’umukuru w’umugambwe wa CNDD FDD i Matongo ari we Bazira Matthieu. Muri iyo nama, abanyagihugu bo muri MSD bavuga ko uwo mukuru w’umugambwe uri ku butegetsi mui iyo komine, yiriwe aratuka abari muri MSD ari imburakimazi.
Mu ntwaro muri komine ya Matongo bakavuga ko bamenye ayo makuru ko ibendera rya MSD ryaranduwe, ndetse bavyakiiye nabi. Musitanteri w’iyo komine akavuga ko hagiye gutangura amatohoza kugira hamenyekane uwoba yakoze ivyo.
Imugambwe MSD na CNDD FDD bikaboneka ko imaze iminsi idacana uwaka ku rubuga, aho no mu ntara ya Gitega, abo muri MSD bagirije abanywanyi ba CNDD FDD kubarandurira amabendera, n’aho umukuru w’umugambwe uri ku butegetsi muri iyo ntara yamenyesheje ko uwivye ibendera rya MSD canke iry’uwundi mugambwe yofatwa agahanwa, ariko ntibasubire gufatira mu kivunga ko ari abanywanyi ba CNDD-FDD.
Aristide Nizigire
Messages
5 Munyonyo 2014, 14:43, par mahoro jmv
FATANYE BANA B’AFRIKA.BASESANKUYOZE NTIBABACE INYUMA NGO MWISENYEREKO NKA ZAZINDI.NTAGUKUMIRANA.TURAKENERANYE NGO TUZAMURE IBIHUGU VYACU.
28 Nyakanga 2018, 13:17, par KING RAFIKI
MUVYUKUR NIBABANE BUMVIKANA BUBAHAN