Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Mauritanie : Abdel Aziz yasubiye gutorwa ku majwi arenga 80 kw’ijana - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Mauritanie : Abdel Aziz yasubiye gutorwa ku majwi arenga 80 kw’ijana

Mauritanie : Abdel Aziz yasubiye gutorwa ku majwi arenga 80 kw’ijana

lundi 23 Ruheshi 2014

Mohamed Ould Abdel Aziz yahora arongoye igihugu ca Mauritaniya yaraye asubiye kwizerwa mu gihugu ciwe, mu gutsinda amatora y’umukuru w’igihugu. Akaba yaronse amajwi arenga ku bice 80 kw’ijana.

Inyuma yo guhiganwa n’abandi bantu bane, mu matora y’umukuru w’igihugu yaramaze igihe ariko aba, Abdel Aziz niwe yatahukanye intsinzi y’amajwi arenga 80 kw’ijana ku biharuro mfatakibanza vyatangajwe kuri uyu w’Imana wa 22 Ruheshi 2014. Umurwi warujejwe gucungera amatora (CENI), i Noukcholt, ukaba watangaje ibiharuro mfatakibanza vy’amajwi agera ku bice 81,89 kw’ijana, Mohamed Ould Abdel Aziz yatahukanye. Akaba yaciye imbere, umusirikare Biram Ould Abeid, amajwi agera kuri 8,67 kw’ijana.

Mwomenya ko abanyagihugu bitavye amatora y’umukuru w’igihugu ku bice bigera kuri 56,46 kw’ijana.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.