Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Mbega abaririmvyi baserukiye Brarudi muri Primusic bavyifashemwo (...)
Mbega abaririmvyi baserukiye Brarudi muri Primusic bavyifashemwo gute?
lundi 28 Mukakaro 2014
Ibiteramo vyagiye bikorwa n’abaririmvyi b’ibihangange baserukira ishirahamwe Brarudi mw’ihiganwa Primusic, vyari imboneka rimwe. Vyaboneka nk’akaryo keza ko kumarana umwanya munini hagati yabo, no kuraba urugero umwe wese yakirwako n’abanyagihugu. Wari kandi umunezero ntangere ku bakunzi babo bo mu Burundi.
- Mkombozi ariko aryohera abakunzi biwe
Ishirahamwe Brarudi mu gushiraho ihiganwa rya Primusic rifasha ibintu bitari bike. Abaririmvyi batorwa kuriserukira si kenshi bohora bahura, umwe wese afita ibikorwa ategura ukwiwe haba mu muziki canke mu bindi. Uno mwaka harimwo abaririmvyi bakwirikira: Patient Matabaro, Sat-b, na Big Fariouz. Abo ntibigeze batamba birorera, haraboneka bagenzi babo, Rally Jo, Yoya, Mkombozi, Yvan Muzika. Abo bose berekana ubumwe, bamwe bakipfuza indirimbo yokorwa n’ivyo bihangange mu muziki w’Uburundi.
Abo baririmvyi bararonkejwe umwanya ukwiye wo kwerekana ico bashoboye mu muziki imbere y’abakunzi babo. Wari kandi umwanya mwiza wo kuraba urugero umwese agezeko imbere y’Abarundi. Umuririmvyi wese yagerageza kuririmba zimwe mu ndirimbo ziwe zakunzwe kurusha izindi. Inyuma y’ibiteramo canke imbere, bamwe mu bakunzi babo barasaba ko boja ku baramutsa mu bibanza abo baririmvyi baba bicayemwo, maze bakaronswa amafoto bari kumwe.
- Fizzo ariko arayaga na Yoya
Bamwe mu banyagihugu bibazako abo baririmvyi atari abantu nk’abandi, barabonyeko nka Fizzo, Sat b, Patient ari abantu basanzwe kuko atawe banka kuramutsa canke kwifotozanya nawe. Eka n’abandi nka Yoya, Mkombozi na Rally Jo, barashika mu banyagihugu bakabaramutsa. Ihiganwa rya Primusic ryarabonetseko urukundo n’urupfasoni, hagati y’abaririmvyi bari baserukiye ishirahamwe Brarudi.
- Fizzo ari aramutsa abanyagihugu
Icibonekeje n’uko abaririmvyi b’Abarundi bakunzwe cane mu gihugu iwabo, abanyagihugu barabiyumvamwo bihagije, ari naco gituma bahamagarirwa gukora indirimbo ziryohera cane abanyagihugu, vyogira akamaro kanini k’umuririmvyi no mu guteza imbere umuziki w’Uburundi bahereye mu Burundi. Abarundi bati:" Uwutanga ubwiza arabwibanza".
- Big Fizzo na Yoya kumwe n’abahiganwa i Muyinga
- Farious yifotozanya n’abana n’umuvyeyi wabo
- Matabaro na mugenzi we Platini
- Rally Jo ariko yitangira abakunzi biwe
- Fizzo ariko arayaga na Yoya
- Yvan Muzika yabonetse mu giteramo kimwe co mu kinama
Cherif Nkeshimana
Messages
23 Munyonyo 2015, 22:10, par abakari
FiZo na yoga turabakunsmda xmcyane
19 Munyonyo 2016, 10:46, par TUYISENGE CLOUDIZZO
FIZZO TURAMUKUNDA