Accueil > Inkino > FOOTBALL > Mbega kahise k’imirwi ya FC Barcelone na Real Madrid kavuga iki?
Mbega kahise k’imirwi ya FC Barcelone na Real Madrid kavuga iki?
mercredi 16 Ndamukiza 2014
Imirwi y’ibihangange kandi mikeba yo kuva muri kahise yo muri Espagne iratana mu mitwe mu rukino rwanyuma rw’ihiganwa ry’igikombe c’umwami wo muri ico gihugu. Lionel Messi, Neymar, Iniesta baraho barakomeye muri FC Barcelone. Bale, Benzema nta Cristiano Ronaldo muri Real Madrid. Urukino rwitezwe n’abantu isinzi.
Urukino rwitezwe n’abantu isinzi ruzakubera ku kibuga ca Mestella kiri mu gisagara ca Valence. Itorwa ry’ico kibuga ni kugira bahurira ku kibuga kindi bose batamenyereye. Cristiano ntakina.
Kuva kera na rindi imirwi ya FC Barcelone na Real Madrid yo mu gihugu ca Espagne yamye irabana nk’abakeba. Inkino z’iyo mirwi bahavuye bazitorera akazina k’ubuhizi"El Clasico". Iryo tazirano rikoreshwa mu mirwi isanzwe ari mikeba kuva kera nka, Manchester united na Manchester City yose isangiye igisagara ca Manchester.
Muri kahise k’iyo mirwi dusanga umurwi wa Real Madrid ariwo ufise ikibanza ciza mu nkino zose umaze gukina na FC Barcelone. Mu mahiganwa akomeye nka La Ligua, Ligues des Champions, Igikombe c’Umwami(bahiganirwa uno munsi), Supercopa de Espagne, Coupe de la Ligue iyo mirwi ibiri imaze gukina nkino 226, muri izo Real Madrid yatsinze 90(ibice 40%), inkino 48 yaranganije(ibice 21%), FC Barcelone yatsinze inkino 88(ziharurwa mu bice 39%).
Umurwi wa Real Madrid mu nkino wakiriye iwabo FC Barcelone muri ya mahiganwa nyene. Mu nkino 112 imirwi yakinye, Real Madrid watsinze inkino 63(56%), inganya inkino 25(22%), FC Barcelone yatsinze inkino 24(24%).
Ku kibuga ca FC Barcelone, yakinye na Real Madrid inkino 113. FC Barcelone yatsinze inkino 64 (57%), inganya 23 (20%), Real Madrid itsinda inkino 26(23%). Baharuye basanze umurwi wa Real Madri ufise itsinzi nyinshi haba mu nkino zabereye iwabo, haba no muzabereye hanze, mu gihe FC Barcelone ufise hanini intsinzi uri mu gihugu iwabo.
Turavye mw’ihiganwa rya Liga Espanola, kuva mu mwaka 1942 gushika mu mwaka 2011, umurwi wa FC Barcelone watsinzwe rimwe gusa na Real Madrid, hari mu mahiganwa ryo mu mwaka w’i 1942 ushira umwaka w’i 1943. Ico gihe, Real Madrid yatsinze FC Barcelone ibtsindo 11-1.
Mwomenyako umurwi wa Real Madrid wavutse mu gisagara ca Madrid mu mwaka w’i 1902, FC Barcelone wavutse imbere yaho mu mwaka w’i 1899 mu gisagara ca Barcelone mu gihugu ca Espagne.
<img11782|center
Chérif Nkeshimana
Messages
17 Ruheshi 2015, 10:31, par IRADUKUNDA Benjamin
Ni Benja je nibazako fc barca wamwe ari umugwi muto kuri real madrid aba barca ni batekereze kuko turabaruta twamye tubaruta ok?
5 Gitugutu 2015, 22:03, par Ngabirano Fleury
Kwel Fcb Nibe Itekereza Kk Turayisumba Iracari Umwana Muto Ok!!!
2 Kigarama 2015, 07:17, par blaise saxo
oh raba imyaka imaze ariko iyo real yanyu ntizosubira gutsinda fcb.icabona nimana yo mwijuru!
17 Ruhuhuma 2016, 21:49, par Kayuki
Nubwo Mbonako Real Ivugwacane Kwariyoyatsinze Kenshi Mbonako Barca Niyikomeye Cane Kuko Uravye Kuva1942 Gushika2011 Ibatsinze Rimwegusa Biragaragaza Ko Fc Barca Ikomeye Gusumba Real?Messi Na Christian Nindatunzegusumbuwundi?
29 Ruhuhuma 2016, 14:12, par Habonimana Norbert
Jewe Nfana Fc Barcelone Naho Badutsinze Ubuntibizosubira Kuko Turimagabo Dufis Messi Neyimal Na Sualese Turacmbeqe
1er Ndamukiza 2016, 11:24, par niyongabo j.deDIEU
twashaka tubabaz non bazagukin isaha zingah?
21 Rusama 2016, 13:26, par Ngendakumana Astère
Jew Ndi Umukunz Wa Real Madrid.Intsinzi Ni Cach
21 Rusama 2016, 13:27, par Ngendakumana Astère
Jew Ndi Umukunz Wa Real Madrid.Intsinzi Ni Cach
21 Ruheshi 2016, 06:37, par Bluce Lee Abubkar
Real Madrid Niyambere
Kubera Ifise Champion Ligue 11
Iyo Barca Bavuga Ifise 5 Gusa
Hala Madrid!!!!!!.
25 Myandagaro 2016, 21:22, par Calixte
Nukuri Real Madrid Numugwi Atari Akagwi Nanje Nkina Muri Academy Bururi Nipfuza Ko Twosekana Na Real Tugahurira Kuri Prince Louis Kandi Nkeneye Gufata Ronaldo Kuko Nkina Défence
11 Nyakanga 2016, 09:57, par claude manigomb
naj ndahimbawe nukumvatwaratsinz fcb ibitsind cum nakimw nva arakamwe kensh can ndakej abafana ba r.m.d kugumwa ibang tugikuvyerekana unomwaka
11 Nyakanga 2016, 09:59, par claude manigomb
naj ndahimbawe nukumvatwaratsinz fcb ibitsind cum nakimw nva arakamwe kensh can ndakej abafana ba r.m.d kugumwa ibang tugikuvyerekana unomwaka
25 Munyonyo 2016, 23:00, par Niyomufasha Onesyme
Kuba Twaratsinzw Na R.M.D nibintu bisanzw gutsindw vyamyeh imana irashoboy ejo murashobor kuba yar mwebw natw nkuno munsi amahirwe akab gwacu.
26 Munyonyo 2016, 20:46, par Samuel Ndayikengurukiye.
Kumva Ko Rmd Yatsinz Fcb Ibitsind 11-1 Ivyo Ur Umufana Nyakur Ntibigutere Intege Zik ,ahubwo Komez Ufane Fcb,kuko Ubu Iragezweho,ncut Har Clasico Yimirij Reka Tuzovyirabire,ok Bandany Muryohegwa Numupira!
27 Munyonyo 2016, 18:54, par LIBERY
REARMADRID IRACARIYAMBERE MURARA CANKEMWUMVIRIZE KURI LE04/12/2016 IBITANGAZA BIGUMABIKOGWA
1er Kigarama 2016, 18:56, par James
Nipfuza Gutsinda
3 Kigarama 2016, 18:53, par josué MBITEZIMANA
Hano ikamikonzi D.R.C dufana F.C barca
3 Kigarama 2016, 23:40, par Charles
Je Ikindyoher Gus Nuk Mfana Umugw Wamber Kwisi Yos M.D.D
24 Ruhuhuma 2017, 14:26, par novatus itangishaka
urukino nisawa kand bos barangana
5 Ntwarante 2017, 06:41, par Nsengiyumva Stève
Iconiyumvira Nuko Nokwizera Ko Fc Barcelona Yotsinda Real Guko Jewe Ndumufana We Fc Barcelona
17 Ntwarante 2017, 12:24, par elyse realmadrid
ndakunda realmadrid
17 Ntwarante 2017, 21:11, par Fleury
Barcelone Abakinyi Bakinyi Bahozeyo Ni Bande
1er Ndamukiza 2017, 06:07, par Rashidi Isbonde
None Barcelone Izosubira Gukina Ryari Na Real Madrid? Clasco
14 Ndamukiza 2017, 12:14, par innocent
lear nivekur barçelone abonabana babo
20 Ndamukiza 2017, 16:14, par Juvenal Nduwimana
Naho Bokora Ico Bashaka Ntaco Bazoshikako
24 Ndamukiza 2017, 06:21, par Edmond Irankunda
Sha Naho Twaraye Dutsinzwe Ntakundi Twihangane Umurwi Real Madrid Urakomey Itsinzi Nigwacu Ya Laligua.
14 Rusama 2017, 06:09, par kim
nibazako real madrid vyukuri yob yatsinze umugwi w f.c barcelone?
19 Rusama 2017, 17:50, par Schabani biziyandemye
uyumusi turaryohew twebw abafanzi ba barcelona kubra christian adakina
20 Rusama 2017, 20:21, par Thierry Irakoze
Thierry Irakoze Real Madrid Turashoboy Bareca Naban
24 Rusama 2017, 22:29, par Alexandre
Nunvabitarivyoroche Yarinkinbonekarimwepe!(11-1)
15 Ruheshi 2017, 15:20, par Niyonzima Eric
F C B GUMA KWIVORA TURACARI INYUMA YAWE
21 Mukakaro 2017, 21:00, par Buname Gilbert
naho Ivyo Vyabaye Twebwe Abafana Ba Fcb Ntibiduca Intege Turacari Inyuma.
31 Mukakaro 2017, 23:41, par Njananimana Normand
jew Mbona Fcb Ko Ari Iyambere Ntayandi
1er Nyakanga 2017, 23:36, par Laurine nininahazwe
Laurine nininahazwe FCB niyihangan ibarir real iti tout les jours ne sont pas dimanche
21 Nzero 2018, 11:31, par Jackson
nukuri fc barcelona yamye idushimishakuvakera
20 Ruhuhuma 2018, 07:00, par albert
rear madrid yakoze amateka akomeye gutsinda paris 3/1
11 Ntwarante 2018, 10:04, par Valère
Fc Barcelone Ntiyihebure Ngo Nikubera Real Madrid Yabahaye 11/1 Ivyo Ntibibace Intege Kuk Tous Les Jours Ne Sont Pas Dimache Abafana Bawe Turinyuma Yawe Tuzokwama Tugufana,
17 Ntwarante 2018, 21:58, par Hakizimana j claude
Amateka ya barcelona yifashe gute?
30 Ntwarante 2018, 22:01, par mpawenayo claude
Andika hano turashigikiye intamba murugamba kuko iduhesha amateka muburundi.
27 Rusama 2018, 20:38, par richard banzizubus
LEAL MADRIDENAHOBOTSINDA20NTIBODUKANGA
28 Rusama 2018, 21:27, par pasacl
mbega intamba murugamba kozitaja mwihiganwa gaha muburud hama bariserona yariyabikoz nukur rivepuru yihagane ntavura idahita
2 Ruheshi 2018, 14:22, par Oscar Garidie
Bavuga Ko Real Madrid Ariyo Yatanguye Kubaho Je Nsivyo Nibaza Gusa Munyishure 1902-1899 Nuwahe Umugwi Woba Waratanguye Kubaho
20 Myandagaro 2018, 13:49, par Girukwishaka Abel
Nshaka Muzoze Murandungikira Amakuru Yimirwi Nka Real Madrid
23 Gitugutu 2018, 21:56, par thiery
barcelona numugwi nkunda cane nubwo na messi yogenda twoguma twifashe neza ntaho leal izodukanga jamais