Accueil > Kwidagadura > Igiteramo > KINA MUSIC na SUPER LEVEL bifashe gute mu biteramo bagirishije mu (...)
KINA MUSIC na SUPER LEVEL bifashe gute mu biteramo bagirishije mu Burundi
vendredi 2 Nzero 2015
Urukurikirane rw’ibiteramo vy’Abanyarwanda mu Burundi vyabaye akaryo keza ko kwunga ubucuti no kumenyana hagati y’abakunzi b’umuziki hamwe n’abaririmvyi b’Abarundi n’abo mu Rwanda eka n’abamenyeshamakuru.
Mbega KINA MUSIC na SUPER LEVEL bavyifashemwo gute mu kwunga ubwo bucuti?
- Umurwi Dream Boyz
Hatanguye igiteramo ca KINA MUSIC bari kumwe n’Abarundi cari gifashwe mu mugongo na Volcano mu biteramo bise Volcano Xsmas Tour mu gisagara vya Bujumbura, Gitega na Ngozi. Ibiteramo vyabaye vyiza aho abaririmvyi co kimwe n’abari bahagarariye ivyo biteramo bashimye uko vyitabwe ku rugero rwo hejuru, naho hatabuze utunenge. Abaririmvyi b’Abarundi nta kinini bahakuye kiretse gusangira uruhimbi (stage) na KINA MUSIC na Happy Famba.
Ubuherutse cari igiteramo categuwe na SUPER LEVEL kirimwo abaririmvyi ba Urban Boyz na Sat B n’abandi baririmvyi bo mu Rwanda n’Abarundi, gifashwe mu mugongo na Yahoo bakakirwa na Ikoh Multiservice. Kiretse amatara yacitse n’amasaha yo gutangura igiteramo atubahirijwe, igiteramo cabaye ciza nk’uko vyemezwa kandi na bamwe mu baririmvyi bo muri Urban Boyz. Muri uwo murwi bavuga bati:"Uburundi ni igihugu ca mbere tumaze kujamwo co muri EAC gifise abanyagihugu bakunda kuryoherwa, abandi twabonye bashaka kumera nk’abo ni abo muri Uganda".
- Ricard arongoye SUPER LEVEL, inyuma yiwe Urban Boyz
SUPER LEVEL iciye ku murwi wa Urban Boyz ifata mu mugongo, yarerekanye ko abaririmvyi bo mu Rwanda bashaka kwunga ubucuti n’abo mu Burundi kuko SatB yakoranye ururirimbo "Urankirigita" na Urban Boyz. Iruhande y’ivyo, SUPER LEVEL yararonkejwe amahigwe yo gukorera indirimbo n’isanamu abaririmvyi b’Abarundi batarashika kure mu muziki biciye ku mahiganwa bagize ku munsi w’igiteramo cabaye kw’igenekerezo rya 31 Kigarama 2014, abo ni nk’umuhinyanyuzi Kolly yatsindiye kuzokorerayo amajwi n’isanamu hamwe na Julien Aliston.
Abakurikiraniye hafi umuzo mu Burundi w’abaririmvyi bakomeye bo mu Rwanda babona ko ari intambwe umuziki wo muri ivyo bihugu uriko uratera kuko ntivyari bimenyerewe cane, bikabandanya uko nta nkeka umuziki w’Uburundi uratera imbere.
Umviriza aha munsi ururirimbo "Bibaye" na Urban Boyz
Umviriza kandi ururirimbo "Byakuvuna" ya KINA MUSIC
Cherif Nkeshimana
Messages
3 Nzero 2015, 08:53, par jean baptiste yamuremye
konumva umuziki w’uburundi ugombe ube danger mbere nabanyanda bahaye man
20 Ndamukiza 2015, 22:51, par Jeanfleury nishimwe
Iyonkuru niyadanger.