IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Umushikiranganji Tharcisse Nkezabahizi ni nde?

Umushikiranganji Tharcisse Nkezabahizi ni nde?

mardi 25 Ruhuhuma 2014

Umushikiranganji ajejwe guhanana amakuru, n’imigenderanire n’inama nshimangamateka Tharcisse Nkezabahizi, yavutse mu mwaka w’1964, muri Komine Kiganda iri mu ntara ya Muramvya. Ni umurindi yubatse afise abana batanu, afise urupapuro rw’umutsindo yahawe na kaminuza y’Uburundi mu gisata c’amategeko "Licencie en Droit" yaronse mu mwaka w’1990.

Mu bijanye na poritike, umushikiranganji Tharcisse Nkezabahizi, akomoka mu mugambwe w’abasigana UPRONA. Yarakoze muri Reta kandi yaranikoreye ivyiwe.

Umwidondoro uvunaguye w’ivyo uwo mushikiranganji yakoze «bref du Curriculum Vitae»

Umushikirangaji Tharcisse Nkezabahizi yajejwe amabanga akwirikira imbere y’uko uno munsi aramutswa ubushikiranganji bwo guhanana amakuru, n’imigenderanire n’inama nshimangamateka :

I. Ivyo yakoze muri Reta no mu vyiwe bijanye hanini n’ubutungane, poritike n’iterambere

- Kuva kw’igenekerezo rya 19/11/2009 gushika 09/09/2010 yari icegera c’umuyobozi mwishikira mu biro vy’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu w’ico gihe yari Yves Sahinguvu. Yakurikirana ibibazo vy’ubutungane (suivi des dossiers juridiques),

- Kuva kw’igenekerezo rya 12/03/2007 gushika 12/03/2009 yari umutegetsi mw’ishirahamwe PNUD, aho yari icabona c’inama nshingamateka kijejwe ivy’ubucamanza.

- Kuva kw’igenekerezo rya 12/03/2009 gushika kurya 19/11/2009 yakora mu biro vy’inama nkenguzamateka.

- Kuva kw’igenekerezo rya 31/03/2002 gushika 19/03/2007, yari umuyobozi w’intwaro n’ubutunzi mu kigega co kuguranana "Fond de micro -credit Rural".

- Kuva kw’igenekerezo rya 08/10/1996 gushika 31/03/2002, Tharcisse Nkezabahizi yari umuhanuzi muvy’ubutungane n’intwaro y’igihugu mu biro vy’umukuru w’igihugu.

- Kuva kw’igenekerezo rya 19/02/2011 gushika 17/02/2014, yari umuhanuzi wa mbere ajejwe ibibazo vya poritike n’ivy’intwaro, yaranabaye umuhanuzi w’ibibazo vy’ubutungane mu biro vy’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu.

- Tharcisse Nkezabahizi yarakoze mu biro vy’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu n’umutekano, aho yari umuhanuzi mu vy’ubutungane n’ivya poritike, hari kuva mu kwezi kwa Nyakanga 1991 gushika 08/10/1996.

- Mu mwaka w’1998-2000, yaremesha ibikorwa vy’umugambi w’amahoro mu ntara zo hagati mu gihugu.

- Yarabaye umuhanuzi muvy’intwaro mu bushikiranganji bwinshi bwegamiye Reta. Kuva mu mwaka w’1991 gushika mu mwaka w’1993, yari umwigisha w’amategeko mw’ishure nkuru y’igipolisi ENAPO.

- Yarabaye umuhinga cane cane mu mashirahamwe y’ibihugu vy’ibiyaga binini "CPGL", mw’ishirahamwe ry’Ubumwe bw’Afrika "U A", n’ayandi mashirahamwe yo mu karere.

- Tharcisse yabaye kandi umukuru w’umurwi wo gusubiza hamwe n’ubuzima bwa kiremwa muntu.

II. Ivyo Tharcisse Nkezabahizi yakoze nk’umuhinga canke akora ivyigwa "consultance" nk’umucamanza yigenga.

- Mu mashirahamwe ya FAO na CISV yaratanze inyigisho nkarishabwenge ku mashirahamwe y’abarimyi.

- Muri PNUD mu gisata c’amahoro n’intwaro ibereye, yabaye icariho c’inama nshingamateka mu bijanye n’amategeko.

- Yaraserukiye ubushikirangaji bw’amagara y’abantu mw’ishirahamwe ryitaho ineza y’abana UNICEF

- Mw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya, yafasha gukarisha ubwenge bw’abafise amashirahamwe ategamiye Reta.

- Mw’ishirahamwe ry’abongereza GTZ na GIZ, hamwe no muri USAID, yararongoye igisata c’amazi, no gukingira ibidukikije.

- Muri CISV no muri CAPAD, ayo ni amashirahamwe yo mu gihugu c’Ubutariyano, yafasha ivy’intwaro abarimyi.

- Yarakoze mu mashirahamwe nka CPGL, SEP, aho yahinyanyura amategeko ngenderwako yo kwubaka amashirahamwe.


Chérif Nkeshimana

Messages

  • KURAHO UWO MUMENJA AGOMBA KUDUSUBIZA MUKAGA

  • Narinzi ngo nihakimara kaminuza twovuze ngaracakenye none uwuraho nububegito mbona amaze gucahenshi ntiyarakwiye kugoka kwitwa mpemukendamuke

  • None baciye bamushiraho kugira abafashe guhinyanyura ivyo bagomba gukoresha muri zantwaro zigikenye?muga muduhanurire abantu bakoresha amajambo nkayo ngo umumenja kunegura suko.

  • zamurabatubwira , tumenye izo mpemu izarizo ntibibaze ko bariko bararya , tuzobibarukisha , kubona bahemukira abatutsi izobwa bagire imana aba DD baze bahagume nayahandi be nurya mukecure nukubabaha , bakabashira mwipine ryikamyo,,,,,, kwarabagabo nibakure abo bapolice kumugumya hanyuma baze niho twobemera iyo mihimbiri

  • none ko mwanditse ko ava mu mugambwe w’abasigana,mwabigize mubibona canke kabaciyemwo.ikindi naco: 19/02/2011-17/02/2014 yari umuhanuzi wa mbere ajejwe ibibazo vya pilitike n’ivy’intwaro wa hehe?

  • Ni mujeri mu zindi, sinzi n’igituma mwiriwe muramutwereka. Je regrette d’avoir perdu mon temps nsoma iyi nkuru.

  • Ubu naho azoshirako "membre de l’équipe fossoyeur de l’uprona" ? Izomuhumira !!

    Mbega umuntu aba umuhinga gute yize ayo mashule abayabye (licence) ata na expérience afise (depuis 1990)?

  • @Komera, Busokoza nuyu Tharcisse Nkezabahizi,ninde woshigikira? Kurijewe ni:

  • uwomuhemu jew simbona umwanyantaye wokumuraba.carigutuma ndaba utudori,udupupe.

  • Tharcisse niyaba asoma igihe.bi,nomubwira ko ivyo yakoze bitantangaje.Honorable Sahinguvu yamukuye mwibarabara amazeyo imyaka,mugabo nticabujije ko bamuhemukira bakifatanya na ba Sinunguruza, kugira umugambwe usubire inyuma!Tubarindiranye ishaka ryinshi iKiganda turabe abadasigana barikumwe hama ubwo bu ministre turabe ico bizomumarira!Be na Consiliya turabe ico bazodutorana I wabo.Tugire amahoro!

  • Ako kagabo ni NSUMIRINDA, ntavyiwe ntiyari guhemuka kuko ntiyari abuze ivyo asakira. Ubuhemu ni umugera mubi. Ni yinjire muri CNDDFYEDD. Ahemukiye Yves Sahinguvu yamugize umuntu

  • Mama nyakumaramara urashiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiishaaaaaaaaaaa!!ungenze mumuhogo!!amafaranga yaba DD yarye wuzuze urwo ruda rwawe ariko ntuzigera uhaga uraboneka!!

  • kuba nijimbere gushika aho wemera kugurisha umugambwe n’igihugu birarenze ivyiyumbiro,concilie we ntawumuvuga,niyoyankana nawe asigaye ari mumugwi wabatwa sinzi ko bamwemera kandi yoba agiye kubacafuza asigaye umengo ni papillon canke cameleon

  • @Nico, Wihangane ivyuvuze nivyo kuko ntakuntu wonyishiramwo jewe Mama kandi atawonatutse, kubwivyo ntibishobora kubura kugukwegera ingaruka, mbere ndafisubwoba kuhava ugira ivyowonona ahuherereye witwaje ngo jewe Mama ngo ndagushisha, arikondakugiriyinama woshaka ugapfukama ugasenga canke ugasengerwa kugira ivyobintu bituma wita intugane ngo ziragushisha bishobora kurenga urugero!.

  • Wewe ndagusavye ntusubire kuyita intungane kuko uribeshera nimba uri umurundi urazi ko mukirundi baca umugani ngo«uwambaye ikirezi ntabona ko cera »nawe rindira impembo iriho kandi ntakarenganyo kazobamwo kukon uduhemba ntarenganya ,ureke nkwisanisha amasura y’ikigongwe ntidukeneye ubwiyorobetsi kuko ivyo uvuga birakwerekana ,umucamanza aregereje intebe y’imanza,ukeneye kumenya ko uri mukuri ,egera Imana usenge ureke kwiyorobeka kuko Igihe kigiye kuza kizoba arigihe giteye ubwoba cane ndakurahiye ko umuvugishwa w’Imana GAHONGAYIRE ko ivyo yanuze vyose ko arivyo nimba ubona bimwe biriko biraba;UW’ITEKA AGIRE YIMIKE UWOZOGANZA UBURUNDI MUKURI NO MURUKUNDO ATABANGIKANIJE NKABUBU kandi hari abazicuza .

  • Mwese mwanditse kuruyu muhora,ubwo ntasoni,uwa muvyeyi MAMA ntimwomuha amahoro?.Iyaba mwari muzi kubutegetsi butangwa nimana,nimwikuremwo ayo macakubiri yabanyoshe mumitima,muzoguma mwandika ibitagira akamaro,natwe dukora,mbona abandika baguma ari babandi mudahinduka,nsinzi rero komuziyahura canke mukica abantu,muga nama ndababwira kwamase yakera atagihoma urutaro,kandi nimureke kuza mwihenda cane kubantu,nkuwo muvyeyi MAMA nuwokwubahwa,bamwe murimwebwe mungana nabo yavyaye.guma ndaruta ariko ntimwunva,ngejeje aha,bamwisonera.ivyo mwandika ntimwibaza ko bisomwa nabenshi.

  • Akagwi kikiganda kibihemu karakwiye!!Consiliya,Tharacissi ubu naho Delphin Chef protocole!!!Mbe bibaza ko ari protocole yo mumanza!!Inyuma ya Mbayahaga nubu A3 bwiwe babonye Delphin umukokayi w’inka zo kwibuye(Mushikamo muri Rutegama)akongera kuba banuganuga ko ari mukagwi katikije inka za Kiganda na Rusaka Baziba!Hahora amashami muri Uprona ubuho iryobaba numuhero!!!!!

  • Ngo "Umwansi agucira icobo, Imana ikagucira Icanzo". Ubuntu burihabwa, kandi butangura kugaragarira mu mvugo, nta muntu yiyubaha avuga amajambo nkaya bamwe muri mwebwe bandika ngaha. None ko muvuga ngo barahemutse, ubwo mweho ntabwo muriko muhemukira ababigishije kuvuga amajambo yisoneye mukiri bato, mukimenya kuvuga !!!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.