Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Mbega vyokunda ko umuntu aheba kunywa itabi? - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Mbega vyokunda ko umuntu aheba kunywa itabi?

Mbega vyokunda ko umuntu aheba kunywa itabi?

vendredi 10 Rusama 2013

Itabi ni kimwe mu bibangamiye ubuzima bw’umuntu. Biramaze kugaragara ko ryiha inkumbi ku mwaka ku mwaka. Abakiri bato bakaba aribo bageramiwe kurusha abandi.

Kunywa itabi bifise ingaruka nyinshi ku magara y’abantu. Bivugwa cane kandi ko niyo umuntu arinywereye hagati y’abandi batariko bararinywa, umwotsi utumuka muri iryo tabi urinjira mu mahaha y’abo bandi mu mpwemu baba bariko barinjiza.

Kunywa itabi bituma umuntu asaza kare. Izindi ngaruka zigaragaza inyuma yo kunywa itabi tuzibona mu mahaha aho usanga umutu aguma akorora, amaso ashobora kurwara ubuhumyi, gutakaza kwumva ubumote bw’ibintu biciye mu mazuru, kunuka mu kanwa, amenyo arahindura ibara akanarwara, ugira ububabare kenshi mw’izosi, ingorane z’imirindi y’amarayo, umubiri urasaza, ugahindura urukoba, ukazana n’iminkanyari myinshi.

N’ubwo hari abashigikira ko kunywa itabi bifise ingaruka nziza, nko kugabanya ibinure ku bashaka guta ibiro, canke guhagarika kuva umwuna mu mazuru, ubuhinga muvy’ubushakashatsi bw’amagara y’abantu buremeza ko kunywa itabi bitera ingwara nyinshi mu mubiri. Aho twovuga nk’ingwara z’umutima, no kugira ingorane zo guhumeka, ugasanga urugezo rwo guhumeka ruragabanuka, ijwi rigahinduka, eka mbere naza hasima zikaziramwo.

Bivugwa kandi ko ibice 30 kwi 100 vy’amakanseri biterwa no kunywa itabi (amahaha, amafyigo, umunwa, igitereko, umushishito,…).Ikindi naco gikomeye, kunywa itabi biragabanya kwumva ushaka kugira amabanga mpuzabitsina. Kubw’ubushakashatsi bwakozwe, ibice 81 kwi 100 vy’abagabo bafise ya ngorane yo kutumva ko uri umugabo ni abanywa itabi.
N’imbuto ziragabanuka, imvyaro zikagabanuka.

Kenshi usanga hari abipfuza guheba kunywa itabi, ariko ugasanga vyaramaze kubagira imbohe. Hari impanuro zitangwa zifasha kuri uwo wese ashaka kubungabunga amagara yiwe. Bene abo bantu baribaza ukungene vyogenda kugira bahagirike kunywa itabi. Ng’uku uko mwobigenza :

Nimwibange ku mpwemu zanyu. Nimwinjize impwemu umwanya muremure mukoresheje amazuru, harura kugeza kuri 5, hama muce musohora impwemu buke buke mucishije mu kanwa. Ivyo mubikore ku kiringo c’iminota ibiri.

Ni munwe ikirahuri kinini cuzuye amazi. Bihanuwe ko umuntu ategerezwa kunywa iritiro zibiri z’amazi kumunsi.

Nimugire umwimenyerezo kanaka kugira umubiri wigenge

Nimuhekenye ibazoka itagira isukari

Nimwiyugumure mu kanwa

Rondera umugenzi uterefona kugira wiyumvire ibindi

Birashoboka kandi ko umuntu ahagarika kunywa itabi atarinze gufashwa n’umuntu n’umwe canke akoresheje imiti. Muri ico gihe, urashobora kwegera muganga kugira umubaze uko vyogenda mu ntumbero yo guhagarika kunywa itabi. Na cane cane abakiri bato nibo bari bakwiye cane gukurikiza izo mpanura


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.