Accueil > Amakuru > u Burundi > Mbuye :Ikiziga c’umwana yatowe aciwe umutwe
Mbuye :Ikiziga c’umwana yatowe aciwe umutwe
jeudi 13 Ruheshi 2013
Umwana w’imyaka itandatu yatowe yapfuye, aciwe umutwe aho yarahejeje kugirirwa ivyamfurambi muri komine Mbuye, intara ya Muramvya.
Ku musi wa gatatu mu gatondo igenekerezo rya 12 Ruheshi 2013, agakobwa k’imyaka 6 karatowe ikiziga, bagaciye umutwe aho inyuma yo kugakorera ivya mfurambi n’inkozi y’ikibi itaramenyekana, ku musozi Janda muri komine Mbuye y’intara ya Muramvya.
Musitanteri wa komine Mbuye, Prudence Nihorimbere avuga ko hari nk’isaha icenda yo kuri uwu wa kabiri ku muhingamo aho ako kana kariko karakinana n’abandi bana hafi y’ishure. Umugabo ataramenyekana akaba yaciye agenda aragahendahenda ngo akagurira utwokurya. Kuva aho ntawasubiye kubona uwo mwana.
Kubw’uwo musitanteri wa komine Mbuye, uwo mugizi wa nabi yoba yabanje gutwara uwo mwana mu tuzutwasugumwe two kw’ishure rito rya Janda aho yarindira ko buhwibira kugira akore iryo bara.
Uwo mwana akaba yaciye atorwa ikiziga mu bitoke i Janda aciwe umutwe, aho yari yanafashwe ku nguvu nk’uko vyemezwa n’abaganga. Umubabaro ukaba uri mwinshi cane ku muryango wiwe .Bakaba basaba abajejwe intwaro hamwe n’igipolisi gutora vyihuta uwo mugizi wa nabi no kumuhana bimwe vy’akarorero.
Igipolisi kikaba kivuga ko amatohoza yamaze gutangura kugira batore uwo mugizi wa nabi no kumuhana bisunze amategeko.
Floxella Karire