IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Mbuye : Umunyagihugu w’imyaka 25 yagandaguwe

Mbuye : Umunyagihugu w’imyaka 25 yagandaguwe

mercredi 18 Ruheshi 2014

Abantu bataramenyekana nibo bagandaguye umunyagihugu bamusanze aho yariko aradandariza muri komine ya Mbuye, intara ya Muramvya.

Uwo musore yaraye agandaguwe, akaba yari afise imyaka 25 y’amavuka. Yakora mu nyubakwa y’ubudandaji aho i Mbuye. Abamugandaguye rero boba bamwishe bamunize, kuko ata n’igikomere bamusanganye. Igiporisi n’intwaro muri iyo komine, bakaba batanguye amatohoza, kugira uwagandaguye uwo musore amenyekane, ndetse ashengezwe imbere y ‘ubutungane.

Mwomenya ko abagandaguye uwo musore, baciye bagenda basahuye amafaranga atari make aho yadandariza. Amafaranga nayo yibwe, n’ubu akaba atawurayamenya igitigiri. Abanyagihugu bo muri komine ya Mbuye, bakaba basaba ko abo bagizi ba nabi bishe uwo musore, boronderwa kandi bagahanwa bimwe vy’akarorero.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.