Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
"Ciné-Club"Umugambi mushasha wa Menya Média - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Amareresi > "Ciné-Club"Umugambi mushasha wa Menya Média

"Ciné-Club"Umugambi mushasha wa Menya Média

lundi 26 Myandagaro 2013

Mu ntumbero yo gufasha urwaruka kwitunganiriza amareresi, Menya Média Studio yarateguye inyigisho ku rwaruka rushika kuri cumi na batanu, bava mu mihingo itandukanye y’igihugu. Izo nyigisho zikaba zamaze iminsi icenda, mu mugambi wa Menya Média witwa « Ciné - Club ».

Umupfasoni Sybille Cishahayo icegera c’ uwuserukira imbere y’amategeko Menya Média

Nk’uko bivurwa n’umupfasoni Sybille Cishahayo icegera c’ uwuserukira imbere y’amategeko Menya Média, avuga ko intumbero y’izo nyigisho ku rwaruka, kwari ukurufasha kugira rushobore kwitunganiriza ubwarwo amareresi. Abandanya avuga ko ubushikiranganji bw’urwaruka, inkino n’imico kama bubafasha mu bijanye n’uburyo canke mu kubashikira muri bamwe mu bafasha igihugu, kugira imwe mu migambi yabo ije mu ngiro. Menya Media ikaba yari yasavye urwaruka rwipfuza gukurikirana izo nyigisho kuzana amakete y’ugusaba, haca hasaba abashika kuri 40, ariko guca biga amakete y’abari basavye, baca batoramwo cumi na batanu gusa. Amenyesha ko batoye uyo murwi w’abantu bake, kuko aribo boroshe kwigisha.

Mu kiganiro n’ikinyamakuru IGIHE, Sybille Cishahayo yagize n’ico ashikirije ku bijanye n’amategeko akingira ibikorwa vy’abahinga. Avuga ko kuva na kera, haba abaririmvyi b’ico gihe canke abubu, bagumye basaba ikingirwa ry’ibikorwa vyabo.
Avuga ko ico gikorwa mu bisanzwe c’ugukingira ibikorwa vy’abahinga ari ic’ubushikiranganji bw’imico kama, ndetse ubu hakaba hariho n’umurwi wiga ico kibazo. Avuga ko yizeye neza ko ingorane ziri mu bijanye n’ikingirwa ry’ibikorwa vy’abahinga, ari uyu munsi canke ejo zizoteba zigatorerwa umuti.

Mu bikorwa vy’ugusozera izo nyigisho, vyari vyatewe iteka n’umuyobozi mwishikira mu bushikiranganji bw’urwaruka inkino n’imico kama, Jean Marie Vianney Rugerinyange.Yabariye Ikinyamakuru IGIHE ko ubushikiranganji bufasha mwene ivyo bikorwa mu kubironsa uburyo, ndetse no mu kubavugira mu mashirahamwe mpuzamakungu baba basanzwe bafitaniye ubucuti. Avuga ko izo nyigisho ari nziza, na rirya zitegura urwaruka muri kazoza karwo. Amenyesha ko amareresi atunga abatari bake mu bihugu vya rutura, ko n’urwaruka rw’abarundi rwomenya kwitunganiriza ico gikorwa, nk’umwuga uzoruteza imbere muri kazoza. Leta rero n’ubushikiranganji bw’imico kama, bakora ibishoboka mu gukingira ibikorwa vy’abahinga.

Umwe mu baronse izo nyigisho Protais Bugabo, avuga ko yanezerejwe n’inyigisho baronse mu bijanye n’ukwitunganiriza amareresi, kuko yahungukiye ibitari bike. Avuga ko bize ubwoko butandukanye bw’amareresi, bariga intango y’ireresi gushika ku musozo wayo, n’ibindi. Amenyesha ko kubera ubukene bw’amareresi y’abarundi, amareresi menshi bigiyeko yari ayo mu bindi bihugu bimaze gutera imbere muri ico gisata.

Twobibutsa ko inyuma y’izo nyigisho, urwo rwaruka uko bari 15, baronse impapuro zemeza ko bakurikiranye izo nyigisho zamaze iminsi icenda.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.