Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Menya vyinshi ku muririmvyi Peter Niyo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Menya vyinshi ku muririmvyi Peter Niyo

Menya vyinshi ku muririmvyi Peter Niyo

dimanche 8 Nyakanga 2013

Umuririmvyi Peter Niyongabo azwi cane kw’izina rya Peter Niyo, ni umusore w’imyaka 26, uyo akaba ariko aratera imbere mu muziki. None uyo muririmvyi ubuzima bwiwe n’ubuhe? Ivyo kuririmba yabikuye he?

JPEG - 49.5 ko
Peter Niyo

Peter Niyo yiga muri kaminuza y’ivyizigiro ‘’Hope Africa University‘’ ,akaba avuka mu muryango w’abana batandatu. Se wiwe ni umurundi, nyina akaba umunyarwandakazi. Muri uyo muryango abenshi muribo ni abaririmvyi bamaze kumenyekana.

JPEG - 44.4 ko
Peter Niyo

Imfura muri uyu muryango yitwa Nziza Désiré, uyo akaba ari umuririmvyi akomeye ubu abarizwa mu gihugu ca Leta zunzubumwe z’Amerika. Uwundi mukuru wiwe ni umuririmvyi witwa Doctor Claude ubu asigaye aba mu gihugu c’Urwanda, na nyina wabo akaba ari umuririmvyi akomeye mw’ishengero rya katolika hano i Bujumbura mu Burundi.

Peter Niyo mu kiganiro yagiranye n’ikinyamakuru IGIHE yamenyesheje ko yakuze abona iwabo bakunda cane umuziki bica bituma nawe abikunda aho vyageze mu mwaka w’2007 atanguye gutegura indirimbo yiwe ya mbere hama mu 2010 atangura kuja mu buhinyanyuriro aho indirimbo yiwe Mariage Pipipi ariyo yamumenyekanishije cane.

JPEG - 107.5 ko
Peter Niyo

Peter Niyo ubu aramaze kugira indirimbo ziwe zigera kw’ icumi, amaze gukorera mu buhinyanyuriro, atavuze izanditse ariko arakora muri iyi minsi. Peter Niyo avuga ko mu vyo yakora vyose atokwibagira gushimira bakuru biwe badasiba kumuterera haba mu buryo bwo gukora indirimbo mbere n’impanuro kubijanye n’uyo murimo.

Ntiyibagiye Big Fizzo kuko ariwe yumva agomba kwigana kugira atere intambwe mu muziki. Uyo musore avuga ko muri kazoza kiwe yipfuza gukorera umuziki wiwe mu gihugu c’Uburundi.

Arangiza ashimira abakunzi b’umuziki wiwe bose akababwira ko abateganirije vyinshi harimwo amasanamu y’indirimbo yaririmbanye na mukuru we Doctor Claude, n’iyindi ndirimbo yo kwumviriza ariko ategurana na Big Fizzo.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.