Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Menya vyinshi ku ndege ya mbere ikoresha imishwarara y’izuba(video) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Menya vyinshi ku ndege ya mbere ikoresha imishwarara y’izuba(video)

Menya vyinshi ku ndege ya mbere ikoresha imishwarara y’izuba(video)

mardi 10 Ntwarante 2015

Indege ya mbere idakoresha ibitoro(benzine)igeze ku ntambwe ya kabiri y’igeragezwa aho izozunguruka isi yose. Solar Impulse2 yavuye i Mascate muri Oman igana Ahmedabad.

Iyo ndege ifise ikibanza kimwe (monoplace)ikoresha umuyagankuba uvuye mu mishwarara y’izuba(énergie solaire) ni iya mbere iriko igeragezwa kw’isi. Intumbero yo gukora iyo ndege ni iyo kugabanya ivyuka bituma isi ishuha cane.

Yitwa Solar Impulse2(SI2) yamaze imyaka 12 iriko ikorwa n’abahinga babibiri MM. Borschberg na Piccard, kugira batange akarorero ko kurwanya ivyuka vyononona igisenge c’izuba. Kugira ubwo bushakashatsi bw’abo bahinga bumenyekane kw’isi yose, bafashe ingingo ko Solar Impulse2 izogira intambwe 12 izunguruka isi.

Urugendo rwa mbere rwakozwe n’umudereva André Borschberg. Yayikuye i Abou Dhabi muri Emirats Arabes Uni, ayishikana i Mascate muri Oman mu masaha 13 n’iminota 2(13 heures et deux minutes), ku birometero bigera ku 510 bigabura ivyo bisagara. Mw’ijoro ry’uyu wa kabiri, umudereva aturuka mu bu Swise Bertrand Piccard yakiriye mugenzi we, yayikuye muri Oman ariko ayijana Ahmedabad mu gihugu c’Ubuhinde. urugendo rungana ibirometero 1 465, ashobora kuhagenda amasaha 16. Ni urugendo rwa mbere rurerure Solar Impulse2 ikoze.

Ubushobozi bw’imishwarara y’izuba Solar Impulse2(SI2)ikoresha yakirwa n’uduce tugera ku 17000( cellules solaires) turi ku mababa yayo afise uburebure bw’imetero 72. SI2 ipima itoni 2,5.Yakorewe mu bu Swise.

Raba aha munsi uko yatanguye gukorwa


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.