Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Mexique: Umugore yavyaye abana batandatu
Mexique: Umugore yavyaye abana batandatu
samedi 12 Nzero 2013
Uwo mugore akiri muto afise imyaka 20, akaba yarasanzwe afise abana 3, yibarutse abana 6 kandi uwo muvyeyi akaba ameze neza hamwe n’abana biwe bose yibarutse.
Abo bana bavutse kumunsi wa kane kandi bose bakaba bafise amagara meza co kimwe
n’umuvyeyi wabo Salud Romero nk’uko vyameshejwe n’itororokanirizo ry’amakuru ry’abafaransa AFP,umupfasoni wa buramatari wo muri Michoacan akaba ari n’umukuru wikigo kijejwe iterambere z’ingo DIF.
Imbere ko uwo mukenyezi y’ibaruka yabanje kuja gusaba imfashanyo y’ibigoma hamwe
n’amata aca avuga ko azokwibaruka abana 6, abakobwa 4, hamwe n’abahungu 2 nk’uko vyamenyeshejwe n’umupfasoni Mora.
Naho iryo shirahamwe DIF ryari ryamuhaye ibigoma,amasabuni y’abana bakiri bato n’imiti, uwo mukuru wiryo shirahamwe asaba ayandi mashirahamwe yigenga kugira amuronse ibitanda, impuzu hamwe n’ibindi vya nkenerwa vy’abana.
Grace Irimbere