Accueil > Ukwemera > AMASHENGERO > Mgr Bambonanire : ’’Ku kiringo ca 3 c’umukuru w’igihugu nshigikiye ivyavuzwe (...)
Mgr Bambonanire : ’’Ku kiringo ca 3 c’umukuru w’igihugu nshigikiye ivyavuzwe n’abasenyeri’’
mercredi 22 Ndamukiza 2015
Musenyeri Serapiyo Bambonanire yahora arongoye umurwi w’igihugu ujejwe amatongo n’ayandi matungo, avuga ko ku bijanye n’ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza umukuru w’igihugu, ashigikiye intumbero yafashwe n’abasenyeri Gatorika b’i Burundi.
Musenyeri Serapiyo Bambonanire yabogojwe kuri uyu wa 18 Rusama atari bwaheze ikiringo ciwe kigira kabiri mu burongozi bwa CNTB, avuga ko abirukanywe muri uyo murwi harimwo umukenguzamateka Richard Nimbesha hamwe n’abandi bagumyabanga bari bateye umukono ku rwandiko rwiyamiriza ico kiringo ca gatatu, atashavu na rike bafitiye umukuru w’igihugu, ko ahubwo bamukunda, kandi bamwandikiye n’icubahiro cinshi, bamusaba ko atokwitoza ubugira gatatu. Musenyeri Bambonnire ati:’’ Barya bandikiye umukuru w’igihugu, barezwe neza, kuko ntawamututse.’’
Musenyeri Serapiyo Bambonanire, avuga ko ku bijanye n’ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza, ashigikiye ivyasabwe n’abepiscopi Gatorika b’Uburundi, mbere na Ekereziya yose. Bambonanire akagira ati:’’Jewe aho aba Episcopi bashize niho ntegerezwa gushira ku bijanye n’ico kiringo, kuko ndi umu Saserdoti, ntegerezwa kugamburukira Ekereziya Umuvyeyi’’. Abandanya avuga ko abasaserdoti, bafata intumbero bahabwa na Ekereziya. Musenyeri Serapiyo Bambonanire kandi, avuga ko atamugambwe n’umwe ahengamirako, ko ndetse atanuwo arimwo, ari naco gituma n’ibikorwa yaranguye vyose mu murwi CNTB ataho yahengamiye, atari ugukurikiza amategeko.
Tukabamenyesha ko abasenyeri Gatorika b’i Burundi, bamaze kwerekana aho bahagaze ku bivugwa vy’ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza umukuru w’igihugu, aho bavuga ko bipfuza ko amasezerano ya Arusha n’ibwirizwa nshingiro vyo kubahirizwa, ndetse hakubahirizwa n’ivyaditswe ku bijanye n’ibiringo. Aha bamwe mu basenyeri, nka Simoni Ntamwana wa Diyoseze nkuru ya Gitega, akaba yaduduriyeko ko, atanumwe arekuriwe kurenza ibiringo bibiri atwara igihugu, ko uwobirengako, yoba agomba kugira abarundi, abaja.
Aristide Nizigire
Messages
22 Ndamukiza 2015, 11:55, par NDAVUGASIMVURA
ewe burundi bwacu reka ntebe ntwenge ariko aho uwubona akumva ntimubona ko imana iriko iriyerekana muburundi bwacu wait and see.
22 Ndamukiza 2015, 13:22, par mahoro
Musenyeri, ko utari bwashikirize aho uhagaze utarabogorwa mu mabanga wahora ujejwe yo kuryanisha abarundi aho kubanywanisha? Abarundi ahubwo turi umuti w’ amenyo. Système dd iraguhenze, mukozi w’ Imana , uraburabuje abantu isinzi ku mohe yayo ngo wirukanishe bamwe kandi ataho mubashira. Kubera iki utisunze ijambo ry’ Imana wa mwungere w’ ishengero. Kuki utagize " urakunda mugenzawe nkuko wikunda" iri bwirizwa bwa tegeko mu mabanga bari bagushinze. Genda ahubwo waratukishije ubusenyeri bwawe.
22 Ndamukiza 2015, 13:56, par MUNTU
arakuwe nn aravuze.canke nawe ni mucezo wandani?
22 Ndamukiza 2015, 14:20, par evariste niyonkuru
ivyo yabivuze kubera bamubogoje ! kwatari bwabivuge ?
22 Ndamukiza 2015, 14:54, par cuma
wewe urarutwa nabarya babivuze batarabogozwa mumabanga bari bajejwe, uramaze kwangiza igihugu none ugeze no mubiringo. tegereza amategeko azubahirizwa ukuri kwamye,utiriwe urata umwanya.
22 Ndamukiza 2015, 14:56, par Ngenzebuhoro
@Evariste Niyonkuru
@Mahoro
Mwebwe n’abiyumvira uko kwanyu nobabwira ko muvuga ivyo mutazi naburya ari uburenganzira bwanyu, barayamaze ngo " Uwutazi ubwenge ashima ubwiwe"...
22 Ndamukiza 2015, 15:27, par claude
Serapion yarahemukiy abihebey IMANA mukuryanisha abarundi mukiringo atwawe amarira yimiryango irimwibarabara ntazoyaronkana amahoro!abarikumwe na Eklesia bavugiw nurwego rwabo ruzwi ntibariko bavaga kugiti cabo!
22 Ndamukiza 2015, 17:47, par NAGENDE,BIRAMUNANIYEGUFATAINGINGO
GEORGE,
22 Ndamukiza 2015, 20:51, par Nuwera
Jewe ndasaba abarundi bazebarima iminwa bamwe mubamenyeshamakuru bagenzwa nogushaka kwanjanisha bamwe nabandi canke kubacunganisha, mutigute? Niyaba muvyukuri atari nyakwubahwa Musenyeri yishiriye abamenyeshamakuru ngwagire icababwira hakaba arabamenyeshamakuru bamusokobereye ngonagire icavuga kukwitoza kwa Nurunziza, ndababwirako bashatse kumugerageza kuko ivyabasenyeri ba ecleziya Catholic barataze igihagararo cabo cukobabibona kukwitoza kwa Nkurunziza, kugarukarero kubaza ibibazo uyumusenyeri nukumuhora mbese bisegurako arukubaririmbisha indirimbo kukwindirimbo niyobavuza uyumusi bakongera bakazokwongera kuyivuza hiryayejo, ariko bamwe turamaze kumenyera kwarugushaka gukokeza ngonantuzeya vyitwe komengo ahanganye nabantuzeya.
22 Ndamukiza 2015, 21:47, par vuganeza
@claude
Mbe ivyo uvuga ni ibiki,wewe wavutse ryari,abahutu n’abatutsi bamye baryana surtout abahutu baribwa n’abatutsi,rero mgr serapion si we abaryanishije,abagesera bari barivye amazu y’impfuvyi ni bo bakwiye kumaramara kuko burya abatutsi muri ibisigo,ubwo murazi kwicara,ukaryama mu nzu atari gwawe,impfuvyi n’abapfakazi bari harya barara rubunda,ahubwo ntimugira isoni zo kumutuka,iyaba jewe nabibakuramwo mbanje kubaha inembo niho mwari kurira sawa sawa
28 Ndamukiza 2015, 04:08, par jean claude
mbe kuki adashaka kumviriza ibyobamubarira?na byumve kuko niho azobagomba gushirabarundi mumahoro ntarenge kumasezerano yi arusha ekereziya katorika ni bishigire nibyo
4 Rusama 2015, 04:23, par SIBOMANA nymur Diomede
HALLELUYA,ese bantu b’IMANA mwatowe kuragira intama z’IMANA mworeka kwivanga muvyishi YEZU yari umutware w’IJURU namwe gut?nimureke abisi baharanire isi namwe muharanire ivyo mw ’IJURU kuko muri ab’IJURU hariho umwami wisi azobikemura kandi abapfa bazopfa urupfu nisezerano ariko kimwe uwishe mwene w’abo canke mushikiwe azobibazwa murubanza kandi ntimwiho kuko sivyo umwami w’IJURU adutegeka . Kandi mukwirinda icaha ntimukamenye abishe abacu mwihanga IMANA IZOTWISHURA NTITUBE ABO MW’ISI .Amen
4 Rusama 2015, 05:00, par sibomana diomde
jewe sinca urubanza serapion yarajejwe intama z’IMANA nuno yageze muvy’isi gut?ariko yumva arivyo nabwire abantu bare icaha gusa nakore nka YESU birya sirwhwe ntasubire kwivanga mubintu nkivyo ndamusavye IMANA sivyo yamutumye barakabona bamukuyd kandi ntashavure IMANA sibirya yagutumye menya amasezerano mufitaniye N’IMANA ereka abantu amatongo y’ijuru canke ubaruri re amatongo y ijuru ntukivange muvyisi
29 Rusama 2015, 02:18, par Rukeree jonas
Mbe uyo mushumba w-imana ko yangaje abantu benshi.Ubu badafise aho badakika umusaya bari mu gahinga ni koko umutumwa w-imana.:Ibinoko!!!!!!
29 Rusama 2015, 19:14, par NIYIBIZI JAMARI
NAJESHIGIKIYE
20 Nyakanga 2015, 02:11, par HIiiiiiii!
Uyo muntu sinzi ico yapfuye n’uwari yamutumye ahandi hoho ntaciza umuntu yoziga muri Serapiyo. Ahubwo Ekleziya Catholique y’Uburundi irababaje kubona ata bihano bigeze bamufatira.