IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Michel Nurweze batazira Rwembe yaciriwe gupfungwa imyaka 15

Michel Nurweze batazira Rwembe yaciriwe gupfungwa imyaka 15

mercredi 20 Nzero 2016

Sentare nkuru y’intara ya Muyinga yaciriye igihano co gupfungwa imyaka 15, intwazangabo mu gipolisi OPP2 Michel Nurweze batazira Rwembe,imwagiriza gushaka kwica uwo bakorana.

Muri urwo rubanza rwo kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 19 Nzero 2016,porkirere wa republika mu ntara ya Muyinga yagirije Michel Nurweze kuba ariwe yarashe amasase yumvikanye mw’ijoro ryo kw’igenekerezo rya 6 Nzero,agakomeretsa umupolisi,aho bariko bivuna akanyota mw’ihoteri Benito.

Michel Nurweze batazira Rwembe yarahakanye ivyo yagirizwa,aca asaba ahubwo ko amatohoza abandanya. Yavuze ko igihe yariko arabazwa yahohotewe,kandi yapfunzwe hahonyanzwe amategeko,kuko yafashwe nk’umuntu asanzwe kandi ari ntwazangabo.

Naho Michel Nurweze batazira Rwembe yagumye ahakana ivyo yagirizwa,yahavuye acirirwa igihano co gupfungwa imyaka 15 no gutanga ihadabu ry’imiriyoni 5 z’amarundi azohabwa uwakomeretse.

Miche Nurweze batazira Rwembe yaravuzwe cane mu bwicanyi ndengerabutungane mu ntara ya Gitega, mu mwaka wa 2010 na 2013.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.