Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Umuntu wa mbere akuze kw’isi yahimbaje imyaka 116
Umuntu wa mbere akuze kw’isi yahimbaje imyaka 116
mercredi 5 Ntwarante 2014
Umuntu wa mbere afise imyaka myinshi kw’isi ni umukecuru wo mu gihugu c’Ubuyapani. Uwo rero uno munsi arahimbaza imyaka 116 y’amavuka. Ejo haheze yagendewe n’umukuru w’igisagara yitwa Takehiro Ogura amuzaniye agashurwe ko kumukeza.

Uwo mukecuru w’imyaka 116, yavutse kw’igenekerezo rya 05 Ntwarante 1898 mu ntara y’uburengero bw’igihugu c’Ubuyapani. Avuka mu muryango w’abadandaza bita "Kimonos" bagwiriye cane cane mu gisagara ca Osaka. Mu nzu yokuruhukiramwo bamushizemwo bamuha n’umuntu amukwirikirana, Misao Okawa avuga ko yumva amerewe neza.
Mu mwaka uheze, uwo mutamakazi yararonkejwe agashimwe k’umugore wa mbere kw’isi afise imyaka myinshi kitwa "Guiness World Records", ivyo biri uko mu gihe hari umurongo ntangaza makuru wo mu gihugu c’Ubuhinwa wemeza ko hari uwundi ageze muzabukuru mu burengero bw’ico gihugu w’imyaka 127.

Umukozi w’uwo Misao Okawa, umutamakazi wa mbere akuze kw’isi amenyeshako uwo mukecuru yongereje n’ibiro ko kandi afungura neza bimwe bita " spaghettis, ragout de viande de boeuf n’ibindi bita sushis na sashimis.
Mwomenyako Misao Okawa yagize ubugeni mu mwaka w’1919, aca avyara abana 3.



Cherif Nkeshimana
Messages
5 Ntwarante 2014, 12:43, par Gicocoro
Uwo mukurambere ndamukeje.
5 Ntwarante 2014, 16:41, par Miburo
Napfe aveho yararengeranye!
5 Ntwarante 2014, 17:03, par bosco
imana imufashe
6 Ntwarante 2014, 10:32, par NTIBAGIRIRWA Isaac
ABO BAHUMURE BOMPI NDABAKEJE PEEE ARIKO JEWE NIMBE NZARAMBA, Imana NTIZONDENZE 90 ANS, Actuellement mon père a plus de 90 ans et encore en bon état. Dieu merci.
9 Rusama 2016, 21:19, par Twagirimana Girilbert.
Jewe Hemwe Noshitsa Imywaka Ni100 Jewe Noshima Kuko Mfise 19 Imyaka Ijana Irenze Ntiwoba Ubona.Mana upfashe naho nabundi ariwewe ushikemye ngaha.Mashishikara uko igikorwa cawe.
9 Rusama 2016, 21:21, par Twagirimana Girilbert.
Jewe Hemwe Noshitsa Imywaka Ni100 Jewe Noshima Kuko Mfise 19 Imyaka Ijana Irenze Ntiwoba Ubona.Mana upfashe naho nabundi ariwewe ushikemye ngaha.Mashishikara ukora igikorwa cawe.
21 Ruheshi 2018, 08:54, par Ndayizey Gerard
Iman Ibafash Hama Ibazigame NKukoyabigize.Gushik Ubu.